UBM News ads

Umushikiraganji wa mbere ari muyabira,gutanga imihoho canke kwicwa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwahoze avugira prezida Petero Nkurunziza atanze inyanduruko z’ibibazo Umushikiranganji wa mbere arimwo ibishobora kumuviramwo kwicwa,gutanga imihoho canke kwirukanwa mu mabanga:Agishika mu mabanga yakoze ingendo nyishi mu gihugu bituma yamamara ivyababaje Prezida Ndayishimiye nawe amuha gasopo ko ahagarika izo ngendo.

Ikindi nuko mu gukemura ikibazo c’igitoro mu gihugu, Gervais Ndirakobuca yasavye ko Tariq Bashir yari arongoye ishirahamwe interpetrol ariwe yobandanya kuzana igitoro mu gihigu kuko yari abifisemwo uburambe,Prezida Ndayishimiye Abibonye naho nyene amuha gasopo kugira ishirahamwe prestige rya Angelina Ndayishimiye abe ariyo rihabwa isoko ry’ibitoro.Aho Bigeze ubu Gervais Ndirakobuca asigaye ari nk’igishusho muri Leta,nta ngingo nimwe ashobora gufata!

Mu kiganiro catunganijwe ku buhinga bwa none kuri uyu xa gatandatu kiremeshejwe n’ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya politike umutumire yahoze ari umuvugizi wa prezida Petero Nkurunziza yarashize ahabona bimwe mu bibazo bihanze umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca bitumye mbere ata nububasha agifise muri Leta.

nkuko Bishirwa ahabona n’uwo yahoze ari umuvugizi wa prezida Petero Nkurunziza akaza guhunga kubera ikiringo ca gatatu ca petero Nkurunziza,Ng’ibi bimwe vyatumye Gervais Ndirakobuca abura ijambo mu gihugu bigeze naho yiyumvira gutanga imihoho.

‘

Leonidas Hatungimana avuga ko kuva Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca agikshika mu mabanga yakoze ingendo nyinshi mu gihugu,mu ntara ivyatumye Prezida Ndayishimiye atangura kwibaza ko aje kumusita kubutegetsi.

Akimara kubona ingendo za Gervais Ndirakobuca,Prezida Evariste Ndayishimiye ngo yarungitse intumwa k’umushikiranganji wa mbere zimumenyeshe ko Ndayishimiye adakeneye gusubira kubona Gervais Ndirakobuca yiyerereza mu ntara hagati ngo ari gukora ingendo.Nae abibonye guhera ico gihe aravyubahiriza arabireka gushika na nubu.

ingendo Gervais Ndirakobuca yakora mu ntara hagati zarimwo umusaruro kuko yatanga amategeko kandi agashirwa mu ngiro ukabona ko ari indongozi ifise ijunja n’ijambo.

‘ ‘ ‘ !

Nkuko vyabandanije bivurwa na Leonidas Hatungimana,Gervais Ndirakobuca amaze kubona ko ikibazo kibaye umuzi w’ibuye mu gihugu,yaregereye Prezida Ndayishimiye na bamwe b’iperereza abagira inama nziza ingene ikibazo c’igitoro cotorerwa umuti mu gihugu.

.

Gervais Ndirakobuca yarasavye ko Uwurongoye ishirahamwe interpetrol ariwe yobandanya azana igito mu gihugu kuko ariwe yarabimenyereye,abifisemwo uburambe ariko Prezida Ndayishimiye abibonye,ngo yahise abona ko Gervais Ndirakobuca yobaakorana na Bunyoni nae yari umushikiranganji wa mbere ariko aza kwirukanwa na Prezida Evariste Ndayishimiye mbere nubu akaba agipfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega.

Prezida Ndayishimiye mu kwanka Tariq Bashir yari arongoye interpetrol,yavuga ko uwo yahoze akorana na ea ntwaro z’abatutsi,ivyo vyose kwari kugira yikureko interpetrol na Gervais Ndirakobuca maze azane ishirahamwe ryiwe prestige abe ariryo ryihariza kuzanaibitoro mu Burundi.

, ‘

Prezida Ndayishimiye ngo yaciye asaba abashikiranganji harimwo abajejwe igitoro ko ata raporo nimwe bosubira guha umushikiranganji wa mbere maze bazitumbereze mu biro vy’umukuru w’igihugu ku muyobozi mwishikira ajejejwe ibibazo vy’intwaro maze akaba ariwe abaha intumbero ku bibazo kanaka.

‘?

Leonidas Hatungimana abandanya avuga ko iyo abashikiranganji bandikiye umushikiranganji wa mbere bamusaba intumbero ku bibazo kanaka,hariho i kopi imwe ija mu biro vy’umukuru w’igihugu.

Umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu aca arungika rapporo k’umuyobizi mwishikira mu biro vy’umushikiranganji wa mbere maze nawe agaca abishikiriza umushikiranganji wambere ati ibi nivyo vyokorwa nk’uko umuyobizi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe ibibazo vy’intwaro yabivuze gutyo Ndirakobuca akisanga ata ngingo nimwe agifata.

Ibi vyagaragaye neza muri iyi ndwi twaraye turangije aho Gervais Ndirakobuca ari mu nama nshingamateka yase kwishura ibibazo vy’abashingamateka kubibazo nkoramutima bihanze igihugu harimwo n’igitoro.

Umushikiranganji wambere akaba yabasavye ko bokura inyushu mu ngingo ya 133 y’ibwirizwa nshingiro,vyabonetse ko yase kwiteranya k’umukuru w’igihugu ngo bimuviremwo ibibazo.

Ndirakobuca

Leonidas Hatungimana yigana ko Ndirakobuca yashatse gutanga imihoho ariko ahabwa gasobo na Prezida Ndayishimiye ko aca Apfungwa maze arabireka.

Umukuru w’inama nshingamateka nawe Daniel Gelase Ndabirabe akaba yahanuye Prezida Evariste Ndayishimiye ko yabangira kumukura barindire basi mu matora y’abashingamateka yimirije kuko vyari kuboneka Ndayishimiye adashaka gukorana na Ndirakobuca nkuko vyagenze kuri Bunyoni.

Ndirakobuca akaba rero yaboneka nk’umushikiranga afata ingingo ikaja mu ngiro ntase na Prezida Evariste Ndayishimiye yama mu majambo gusa bikanka ko afata ingingo ibereye ibitumye igihugu gishika ku manga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments