UBM News ads

Hoba hari icizere ko intambara igiye guhagarara muri RDC?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu biganiro i Doha muri Qatar,Leta ya Kinshasa na M23 bemeranije:Guhagarika intambara vy’agateganyo ku mpande zose maze ibiganiro bigakomeza,guhagarika intureka vyihuse,imvugo z’urwanko no guterana ubwoba birahagaze.

ico bikoze ubu Leta ya Kongo yahinduye imvugo,M23 ntigifatwa nk’umuhari w’iterabwoba,ibipupe canke abanyarwanda ibishobora gutuma Tshisekedi yemera ivyo asabwa na m23,maze M23 nayo ikagira ivyo ihevye kugira bagere kumasezerano nyezina!

Icizere umuntu yokigira afatiye ku matangazo yaraye asohowe n’impande zompi;Kinshasa na M23 kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 23 ndamukiza 2025.

Ayo matangazo ku mpande zompi avuga ko hatanzwe agahengwe mu ntambara imaze igihe ihuza izo mpande zompi. Ni ku ncuro ya mbere izo mpande zitangaje ivyo ziriko ziganirira i #Doha muri Qatar.Ayo matangazo abiri yanditswe mu majambo asa, kandi n’ibirimwo bikaba ari bimwe.

Muri ayo matangazo biboeka ko impande zose ziyemeje guhagarika vyihuse indyane, kwirinda gusubira gushikiriza imvugo z’urwanko no guterana ubwoba. Izo mpande zose zigahamagarira abanyekongo kwubahiriza ivyo vyapfunditswe.

Muri iryo tangazo, reta ya Kinshasa n’umuhari uyirwanya M23 bavuga ko ako gahengwe kazobashikana ku biganiro biganisha ku nyishu irama yo guhagarika burundu intambara imaze igihe ibahuza.

Izo mpande zose zikaba zishimira reta ya Qatar ku ruhara iriko igira mu guhuza no kworosha ibiganiro hagati ya Kinshasa n’umuhari uyirwanya M23.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments