Joseph kabira ata na kabiri amaze ku butaka bwa kongo,Leta ya DRC iramwitwariye muri sentare ntahinyuzwa mbere n’amatungo yiwe yose ace afatwa!
ikindi ibikorwa vy’umugambwe PPRD wa Joseph Kabila birahagaritswe kubutaka bwose bwa kongo.azize kwinjirira i Goma,gukorana AFC/M23 ibigiye gukwega icuka gikomeye mbere bishobora kuviramwo ihirikwa ry’ubutegetsi rya Felix Tshisekedi

Inyuma yaho atahukiye mu gihugu ciwe c’amavukiro ca Kongo,uwahoze ayoboye kongo Joseph Kabila yaraye yitwariwe mu butungane muri sentare ntahinyuzwa maze amatungo yiwe yose agaca afatwa.
Umushikiranganji w’ubutungane Constant Mutamba akaba ariwe yaraye amwitwariye amuhora gukorana na AFC/M23 kandi akaba yinjiriye i Goma mu gutahuka kwiwe ahasanzwe hagenzurwa n’inyeshamba za M23 ivyo muri Leta ya DRC bagaragaza nko gukorana gukomeye kwa Joseph Kabila na M23.
Hagati aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu nawe yafashe ingingo yo guhagarika ibikorwa ry’umugambwe PPRD Joseph kabila akomokamwo bihagarikwa ku butaka bwa kongo.
Icuka gishobora kuba kigiye kuba cibi cane mu butegetsi bwa Felix Tshisekedi ibishobora kumuviramwo mbere itembagazwa ryiwe kubutegetsi.
Felix Tshisekedi yaheruka kwagiriza Uwahoze ayoboye kongo guhera muri 2001-2019 gukorana rwihisha na m23 hari i Munich muri Allemagne





Recent Comments