UBM News ads

Igihugu ntigitangwa kirarwanirwa-Reveriyano Ndikuriyo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

“Mugumyabanga,Mukenyerarugamba wese utegerezwa gutegura umwana azokwinjira igisirikare kugira igihugu kizoronke abazokirwanira kuko igihugu kirarwanirwa ntigitangwa.”Aka n’akamo gaterwa n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Reveriyano Ndikuriyo.

Reveriyano ati:”Mukenyerarugamba ufise abana 3 utegerezwa gutegura umwana 1 azokwinjira igisirikare kandi aka kamo katuraba twese!”

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FFD Reveriyano Ndikuriyo amaze imisi ahimiriza abarundi na cane cane abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD ko bategerezwa kurungika abana babo mu nzego zo kwivuna abansi mu ntumbero yo kubategura mu kuzorwanira igihugu.

Ubushize kw’igenekerezo rya 27 ntwarante 2025 mu ntara nshasha ya Burunga yasavye abagumyabanga bari bitabiriye amasengesho arangiza ukwezi ko bategerezwa gutegura umwana umwe canke 2 bazokwinjira igisirikare.

Aho yagize ati:”Bigenda gute ngo ugire abana 8 ariko ntutegure umwana 1 canke 2 bazokwinjira igisirikare c’igihugu”?.

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 5 ndamukiza 2025 naho mu ntara ya Gitega ku musi mukuru”UMUKENYERARUGAMBA DAY” w’abakenyezi bo mu mugambwe CNDD-FDD(ABAKENYERARUGAMBA) yongeye gutera akamo asaba ko abagumyabanga,abakenyerarugamba mu bana bafise botegura umwana umwe azokwinjira igisirikare kugira hazoboneka abagabo b’injunja n’ijambo bazorwanira igihugu bibaye ngombwa bakacitangira.

Yagize ati:”Mukenyerarugamba ufise abana 3 tegura umwe azokwinjira igisirikare c’igihugu kuko igihugu kirarwanirwa ntigitangwa”.

Reveriyano Ndikuriyo afatwa nk’umwe mu bihangange vya CNDD-FDD ariko arategura urwaruka mu gihugu cose abigisha ibijanye no kurwanira igihugu ariko muri rusangi ntaco Reveriyano Ndikuriyo n’umugambwe na Leta ya CNDD-FDD bateguriye urwaruka mu ntumbero yo kurwanya ubushomeri buzura inzara mu gihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments