“Imyaka 6 Ndi mu gacerere,umwaka1 ndi mu buhungiro muri AFRIKA Y’EPFO igihe kirageze Ndatashe ariko nzokwinjirira mu Buseruko Bwa kongo” ibi vyatangajwe na Joseph Kabila yahoze ayobora DRC aho avuga ko atahutse kubera ibibazo bitoroshe igihugu kirimwo.
Kwinjirira mu Buseruko bwa kongo ahagenzurwa na M23 nta gishasha kirimwo kuko birazwi ko Joseph Kabila akorana na M23 none ubu abishize kumugaragaro kandi ikimuzanye n’ugusenyura intwaro ya Prezida Tshisekedi.

Kuwa 8 ndamukiza 2025 nibwo prezida joseph Kabila yahoze atwara Kongo yatangaje ko agiye gutahuka ava mu buhungiro muri Afrika Y’epfo ariko akaba atatanze isango.
Mw’ikete yanditse nkuko tubikesha ikinyamakuru c’abafransa RFI na Jeune Afrique,Joseph Kabila avuga ko igihugu ciwe kiri mu bibazo arico gitumye afata umwanzuro wo gutahuka mu gihugu ariko akazokwinjirira mu Buseruko bwa kongo aho naho hasanzwa hagenzurwa n’umuhari m23.
Joseph Kabila avuga ko imyaka 6 irangiye ari mu gacerere,umwaka 1 ari mubuhungiro mu gihugu ca Afrika y’epfo ariko ko igihe kigeze co Gutahuka.
Koko n’iki kimutahanye?
kuba atahutse avuga ko biragaragara ko aje mu rugamba rwa Politique na cane cane ko Ubutegetsi bwa Tshisekedi bubangamiwe n’umuhari M23 kandi kubarwanya bikaba bitariko biroroha.
Prezida Tshisekedi yakomeje gutunga agatoki Joseph Kabika kuba ari inyuma y’umuhari M23,ubwo yaheruka i Munich muri Allemagne prezida Tshisekedi yavuze ko Joseph Kabila nawe ari mubamurwanya akoranye na m23.
Kuba rero Joseph kabika agiye kwinjirira mu Buseruko bwa kongo ahasanzwe hagenzurwa na M23 birumvikana ko agiye kwifatanya nabo mu rugamba rwo kurwanya ubutegetsi bwa Tshisekedi.





Recent Comments