Bob Rugurika,umuhuzabikorwa mw’Ihuriro ry’abarundi bishize hamwe mu guharanira no gutsimbataza igihugu kigengwa n’amategeko na democrasi ICE/RAPIDE-SERUKA basaba umurwi CENI gutanga imihoho kuko uyu murwi ari inkwezi y’amabi menshi n’ubwicanyi vyama vyibonekeje mu Burundi kubera gutegura amatora mabi.
Muri ICE/RAPIDE-SERUKA basaba Leta gutungnya ibiganiro bidakumira kugira hatunganywe amatora meza ari mumuco.

Abarundi bishize hamwe mu guharanira no gutsimbataza igihugu kigengwa n’amategeko na Democrasi basaba umurwi ujejwe gutegura amatora CENI gutanga imihoho kuko wama urangwa no gutegura amatora atizewe ibiheza bigakwenga indyane mu Gihugu.
Ibi biri mw’ikete bandikiye umurwi CENI kuwa 5 Ntwarante 2025 rigaterwako umukono na BOb Rugurika asanzwe ari umuhuzabikorwa muri ICE/Rapide-Seruka hamwe na Vincent Nyandwi avugira rino huriro.
ICE/RAPIDE-SERUKA bavuga ko kuva mumwaka wa 2010-2015-2020 uyu murwi CENI wabaye inkwezi y’ibibazo bikomeye n’amabi atandukanye harimwo ubwicanyi bwibonekeje muri iyi myaka aho abarundi isinzi bishwe abandi barangazwa.
ICE/RAPIDE-SERUKA ivuga ko irajwe ishinga n’ubwo bwicanyi n’ayandi mabi vyama vyibonekeza kumvo z’amatora atunganijwe nabi.
Mu gihe twimirije amatora ya 2025,Ice Rapide-Seruka ivuga ko irajwe ishinga n’amatora ya 2025 bisunze ukuntu aya matora yatunganijwe uhereye mw’iyandikwa yaranzwe n’ikumirwa ry’abatavuga rumwe na CNDD-FDD mbere hakaba hibonekeza itangwa ry’ibirwanisho bicira umuriro ku rwaruka rw’ mbonerakure hamwe n’imyimenyerezo ya gisirikare urwo rwaruka ruriko rurahabwa.
kubera ayo mabi yose yama yibonekeza biturutse ku murwi CENI,ICE/RAPIDE-SERUKA isaba ko abagize uyu murwi mu matora yimirije bose gutanga imihoho maze Leta nayo igatunganya ibiganiro bidakumira ku barundi bose mu ntumbero yo gutunganya amatora meza ari mu muco kandi ahurikiyemwo bose





Recent Comments