Mwaraye mwumviseko Tshisekedi yagondojwe mpaka akemera Ibiganiro na AFC/M23,bikazobera muri Angola guhera ku musi was kabiri w’indwi iza!
Uyu mugabo,ubwiwe nta biganiro yashaka na AFC/M23 ariko Kubera izindi nguvu ziri inyuma yavyo,nguyo yaraye avyemeye!

Aha rero niho buri muntu ategerezwa kumenya ko inyuma ya AFC/M23 hariyo abagabo bakomeye,Aba bagabo nibo batuma abategetsi bahindagura imvugo hamwe n’imigambi yabo:
Mwibuke ko Ndayishimiye nawe kukibazo ça Congo ahindagurika nk’urushinge rw’Isaha!
Ubu nawe ageze mu biganiro vy’Ibanga na Kagame, Umwanya n’umwanya imipaka y’Uburundi n’Urwanda muzumva yuguruwe!
Nkuko twigeze kubabwira,Président wa Congo yemeye Ibiganiro ni ugutsindwa kudasanzwe kuro Leta yiwe!
Aha ni ngombwa basangire ubutegetsi,kandi ntivyari bibi n’ukuri gusangira,ikibazo babusangira na bande??
Aha uruhande rwa Joseph Kabila ruzoba rushikiriwe,narwo ruzoba rugizwe n’Abanyarwanda gusa!
M23 yinjizwe mu Gisirikare ca Congo ku bice binini cane,aho ni RDF gusa izoba yinjiyemwo!
Nord na Sud-Kivu hazocungerwa nuru uruhande rwa M23 na ba Gouverneurs babe ababo! Muri make bizoba vyoba bisa nkaho ari utundi turere twitwara!
Tshisekedi atemeye ivyo ,mu biganiro ntakizovamwo!!
AFC/M23 nta nyota ndende bafise yo kwinjizwa mu Butegetsi bwa Kinshasa,canke mu gisirikare caho,Oya ! Kuko bagiye mw’Ishamba bavuye muri izo nzego nyene,kandi bazitaye ata wubirukanye!
Nukuvuga ko bafise iyindi ntumbero yabo,kandi cane cane igihugu c’Urwanda!
Intumbero ni kuzibira Akarere kose kegereye n’Urwanda na Uganda kugira imirwi nka (FDLR,FLN,ADF,LRA…)ntibazokwigere begera imipaka yivyo bihugu.
Ibi rero bibaye nkuko,ako karere kose kazoba koroshe kugenzurwa n’ivyo Bihugu ukwo ari bibiri ata ntambamyi n’imwe bahuye nayo!
Ibi biganiro vya Leta ya Tshisekedi na AFC/M23 si ibisanzwe,kuko bishobora kuvamwo Intambara mbi cane kuruta iyiriko iraba ubu,bishobora gutuma havuka iyindi mirwi myinshi y’Aba Congomani bazorwanya Leta ya Tshisekedi imwagiriza kudandaza Igihugu!
Mwarumvise ko Tshisekedi yasinye Amasezerano y’ubutare na America,kugira america ishinge ama Bases Militaires muri karya karere kose kugira Urwanda ntirwongere kwinjira ukwo rushatse muri karya karere,ariko ivyo navyo ni ukwihenda,kuko nubundi Urwanda rwaronderayo inyungu za America nyene ni za rwo!
Gusa iyo ngingo abo izokumira cane,ni ya mirwi y’Abarwanyi barwanya Urwanda na Uganda,kuko hamaze kuba ama Bases Militaires ya America nta murwi uzohidevereza nkuko vyahora!
Hako Tshisekedi yari gusinya Amasezerano nkaho,yarigufuka atanga ubwo Butare akaronka Amafranga,ibirwanisho,agapanga gushasha Ingabo z’Igihugu! Agakuramwo cane cane abo bose biyita ko ari Abakongomani bavuga ikinyarwanda,kuko abo nibo bamutsindisha mu Ntambara!
Ayo ma Bases Militaires nkayo ari mu Bihugu vyinshi,ariko nta nyungu n’imwe vyazanye uretse ubusuma gusa!
Akarorero : Somalia, America nubu tuvugana bafiseyo ama Bases Militaires kandi bayashize mu burere bwose burimwo Igitoro nayandi mabuye y’agaciro ariko ntivyatujije AlShabaab ahubwo nibo babakomeza kugira Intambara imare imyaka myinshi bagume bacukura Igitoro! Abasirikare b’Abarundi n’ibindi bihugu vya Africa bariyo basa n’aba zibiriye umutekano Igisoda ca Amerika kiriyo. Bagaca batanga uduhera muri Union Africaine(AU) kugira bahembwe.
Muri Centre Africa, uyu musi tuvugana hariyo ama Bases Militaires y’Abafaransa ariko ikiroberi nubu kiguma gikomera gusumba! Abafaransa nabo baguma baca ibiti vyagaciro bitwarira iwabo!
Za Mali,Burkina Faso,…ayo ma Bases Militaires yarariyo ariko ibiroberi vyaguma bikomera kurusha!
Na Congo bizogenda nkuko nyene,America izozana izo ngabo,M23 nayo ikomere kurusha uyu musi!!!
Abazungu mu guhendagiza Tshisekedi,bigizeko bafatiye Ibihano Urwanda kugira bagume basoroma ku mpande zose,inzahabu M23 na RDF bariko bacukura bazironke ata makori namakeya ziriha kuko nizo mu kinwabi,hama kandi na Leta ya Congo igume ibaha amasoko yo gucukura izindi barihira amakori(Ibirira habiri)





Recent Comments