NIKI CISHE UBURUNDI?
Uburundi ni igihugu gito cane,ariko gitunze Abanyagihugu benshi cane ugereranije n’ibindi bihugu! Uburundi bufise ibintu vyinshi cane vyotuma gitera imbere mugihe gito cane, Uburundi butunze Abanyagihugu bafise umwete wo gukora,kandi bashoboye gutubika wa vubi kugira bashike kwihangiro bihaye!
Ubutare bwo mubwoko butandukanye buri musi yubutaka bw’uburundi, Ikiyaga Tanganyika naco kiri mubintu vyoteza imbere Uburundi kuko naco kirimwo vyinshi bikenewe kw’Isi!(Petrol&Gaz….)
Musi yubutaka bw’uburundi huzuye amazi meza y’Umusarara! Mu Burundi ni hake cane woshobora kwimba 15metres utarashikira amazi meza!
Uburundi butunze ubutaka bumera cane kandi hafi igihugu cose, Uburundi bufise ikirere ciza cane,akayaga keza,ibidukikije vyinshi cane vyoshobora kuzana Ingenzi(Tourism)mugihe vyotezwa imbere! Iyo misozi n’Ibiyaya(Hills&plat lands) bigize Uburundi ni ubutunzi bukomeye cane vyozana Amafranga menshi yagaciro! Muri make ntaco Imana itahaye Uburundi!
Muti none vyapfiriye hehe kugira Kibe igihugu ca Nyuma kw’Isi? Uburundi bwagiye bwicwa nabanye politique,guhera mu ntwaro zaheze gushika kuri iyi ntwaro yuyu musi ya CNDD FDD nta munye politique araza akunda Uburundi. Uwigeze kubaho ni umwe gusa,niwe yakoze ivyo vyose mukidenderako nuyu musi(BAGAZA)

Niwe yubatse amahinguriro ya Leta,ntawundi arongerako na rimwe,ahubwo nayo yubatse yose barayamaze bayarya ayandi barayahombesha arugara! Niwe yubatse amabarabara meza ya kaburimbo hafi igihugu cose, Uyu musi bisa nkaho ariko amukurikira kuko yahereye rimwe!
Muriki gisata c’amabarabara na Nyakwigendera Nkurunziza yaragerageje! Niwe yubatse ama Lycées yose ari mugihugu, Niwe yubatse ama Kambi ya gisirikare yose ari mu Gihugu,
Niwe yakuye ubugererwa mu Barundi,Niwe yatanguye kwigisha Abarundi gukora,barekana ningeso zo kwishinga urwarwa,
Niwe yazanye umugambi wo kurima Ibigazi(Imbo),ikawa,icayi…kugira bizane Amafranga y’agaciro! Muri make ibintu vyose vya nkenerwa igihugu kigenderako kugeza uyu musi ni BAGAZA!
Uyu niwe mu Patriote wumu Leader Uburundi bwaronse gusa! Kuberiki BAGAZA utubakiwe icibutso?(Monument)
Ico Gihugu rero cishwe n’Abantu mwita indongozi kandi atarizo,Abantu muterekaho batabishoboye,Abantu bari ngaho kugira bitungishe gusa! Igihe cose Igihugu kizoba kirongowe na bantu bafise Inzigo,ntikizigera gitera intambwe,kandi urugo rw’abanyenzigo, Imana ntirugendera naho mubesha Abarundi ngo mwashize Imana Imbere,ni uburyarya gusa,ni inzira yo kurondera amajwi mu Barundi gusa! Imana ntigendana n’umunyanzigo!
Inzigo ntiyubaka ahubwo irasambura,Inzigo iganisha kukibi gusa!
Abarongozi ba CNDD FDD bubakiye ku nzigo gusa,
Imana baririmba si iyaremye Isi n’Ijuru ,OYA!
Abenshi muribo,bigize aba pastori ariko si ivyukuri,ni inzira bafashe yo kwiyegereza Abarundi, muri make amadini barayagize imbuga za politique.
Abarundi turakwiye gutandukanya inyungu rusangi(z’Abarundi bose) n’inyungu z’umuntu canke z’umugwi kanaka(umugambwe…)
Imigambwe irabaho kandi ikarengana,imirwi ikavaho,Abantu bagapfa bakarengana…ariko igihugu kizogumaho!
Rabe inyungu rusangi BAGAZA yarondeye mu myaka yaza 1980 nizo nuyu musi tukigenderamwo!
2018 mwatoye Ibwirizwa shingiro,kandi abenshi mwatoye ivyo mutazi,ingaruka zaryo nizo mubona murimwo uyu musi! Ibwirizwa ryahaye inguvu nyinshi CNDD FDD gusa,Ibwirizwa rikumira Abandi mu nzego za Leta,ibwiririzwa ribabuza kugira imyiyerekano mugihe hari ikitagenda neza,…
Uyu musi kuva kuri Nyumba kumi gushika kuri Président ni aba CNDD FDD ariko ntibibujije igihugu gupfa nabi!
Mbega murazi ahantu hambere igihugu gipfira ?ni mu NAMA NSHINGAMATEKA, Uyu musi Inama nshinga mateka igizwe ahanini n’umugambwe umwe(CNDD FDD) ibice hafi 90% kandi aha mwaratamvye muratarika ngo mwatsinze,ariko mwarahamvye Igihugu! Mubisanzwe iyo Inama nshingamateka uhagaze neza,irimwo bose ku rugero rungana, ico gihe usanga igihugu gihagaze neza,kuko nta tegeko narimwe ridafitiye akamaro abanyagihugu rishobora kurengana, Ariko mu Burundi babigisha ko mugihe mwotora ku rugero rumwe ngo bizotuma imigambi ya Leta idindira(kumbe naho bovuzeko bizotuma imigambi yabo bwite yubusuma idindira)
Muzofatire akarorero Aho hakurya yanyu muri Tanzania,umugambwe CCM umaze imyaka myinshi ku Butegetsi,ariko imisi yose aba Tanzania bagiye mumatora barakanura cane Ku Nama nshinga mateka usanga batoye abangana ku mpande zose! Inama nshinga mateka yabo usanga ikomeye cane,kuko nta tegeko CCM izana ridafise ishingiro ngo baryemeze!
Ikindi naco,mu Burundi nta munyagihugu atora umushingamateka,ahubwo mutora umugambwe,nawo ugaca ugena abashingamateka mu burere! Ivyo vyose namakosa!
Mu bindi bihugu na Tanzania irimwo abashinga mateka bariyamamaza aho bavuka,Abanyagihugu bakitorera uwo babona azobagirira akamaro batitaye ku migambwe!
Muribaza ko iyaba Inama NSHINGAMATEKA ivanze neza ko Gélase Ndabirabe ko yari kwubahuka akababwira ko agiye kuzobagaburira ama sachets??
Ariko mu Burundi,bo bihatira mu gusambura Imigambwe hakoreshejwe Amafranga y’Igihugu yari gukoreshwa mu bikorwa vy’Iterambere!
Gusambura umugambwe CNL bavyize umwanya munini cane,babishizemwo Amafranga menshi cane kugira bikunde RWASA azimangane mumitima y’Abarundi, Ariko ivyo vyose nta terambere bizozana mu Gihugu,ahubwo bizorwiza Inzigo gusa!
Ingaruka mbi zivyo indongozi za CNDD FDD zikora zishikira Abanyagihugu bose kumwe,
Ntizicagura Abagumyabanga,Aba CNL,Aba Porona,….mwese mutondera igitoro kumwe,mutondera isukari kumwe,mutondera Bus kumwe,inzara muyifise mwese,Abana banyu mumashure bicara mu bivu kumwe,ibiciro mumasoko vyabadugiyeko kumwe,….uyu musi ho twumviseko naka ka mutuel(CAM) ntikagikora mu bitaro vya Leta,none ntimuzoriha kumwe 100%mugiye kwivuza?
Aho rero niho mukwiye kumenya ko mu vy’uburongozi bw’Igihugu hadakwiye Fanatisme ahubwo hakwiye kurabwa umuntu ico ashoboye mutisunze umurwi avamwo!
Nka jewe mfise ubwenge bukora neza,sinorutisha Agathon Rwasa na President Neva ngo nuko twoba dusangiye umugambwe ,wapi n’ukuri! Inyungu z’umugambwe ziri ukwazo,inyungu z’Igihugu ziri ukwazo!





Recent Comments