UVIRA YOBA IGIYE KUZOBA IKIBUGA CO GUPIMANIRAKO.
Nkuko twigeze kubibabwira ngaha kwuru Rubuga,Uvira isa niyabanje kwihozwa na AFC/M23.
Ibi rero bifise impamvu:
1.Hashobora kuba harabaye Ibiganiro hagati ya Paul Kagame na Evariste Ndayishimiye mw’ibanga ntangere kuko ntiryoba ribaye ubwambere bibayeho!
2. AFC/M23 yoba yarabonyeko kwisuka kuri Uvira ari ukwisuka kurisongoye kubera Uburundi butokwera nagato ko Uvira ifatwa na M23 ata masezerano yoba yahabaye!
UVIRA ni umuji ugira kabiri mu Ntara ya Kivu yepfo(Sud-Kivu)inyuma ya Bukavu,uyu muji kandi uhanye urubibe neza neza ku butaka no kukiyaga Tanganyika n’umurwa mukuru w’Uburundi(Bujumbura),ubwo murumvako Uvira ari ahantu ha nkenerwa cane kuri AFC/M23,kandi hakaba hankenerwa cane ku Burundi kuko hafashwe gusa,umutekano w’Uburundi woba uhungabanye ibice 60%.
Aha rero UVIRA ishobora kuzosesekamwo amaraso menshi cane asumba ayasesetse Goma na Bukavu!

Uko AFC/M23 yafashe Goma na Bukavu siko bizogenda kuri Uvira,kiretse habaye Imyumvikano mw’ibanga hagati ya babagobo babiri twababwira!
Aha rero hashobora kuba hari imitego myinshi izi mpande zateganye,
M23 ishobora kwihozwa gato Uvira,ikaba yahisemwo kudugira hariya mumisozi(Haut plateaux) iri inyuma ya Uvira za Minembwe,Masisi,…kugira bahafate hose gushika Fizi bace bamanukira za Sebele na Baraka hama Uvira isigara hagati,hageze kuyirasako bazoce bamanukira rimwe,abavuye Minembwe,abavuye Kamanyola,abavuye za Baraka bahindire mu Burundi aba FDN na FARDC.
Aho rero niho hazobera Ingorane nyinshi,uwuzotsindwa bazomuherekeza kugeza Aho yazananye!
Aha rero iyi Ntambara mumenyeko irimwo amabanga menshi cane,
Ibanga ryambere AFC/M23 ntiyigera yemera ko ishaka gufata Nord-Kivu na Sud-Kivu Hama itangaze Igihugu! Ariko niko biri,Aba ntayindi ntumbero bafise atari gushaka ico bita Revolution! Kandi batanguye urugamba bariteguye neza,kuko bafise Amafranga menshi abafsha murizo Operatios zabo!
Ibanga rigira kabiri,ni abafashe mumugongo AFC/M23. Abenshi Bazi Urwanda na Uganda gusa,ariko inyuma yaba hariyo ibindi bihugu bikomeye!
Ibanga rigira gatatu,Ni iyindi mirwi yiyunze na M23 kugira bafatanye urugamba,inyuma yo gushika ku ntumbero urugamba ruzobandanirize ahandi,aha twovuga cane cane Uburundi.
Ibanga rigira kane,ni abakorana na AFC/M23 basanzwe bari mu nzego z’Umutekano na politique vya Congo!
Namba vyoshika Paul Kagame akagirana Ibiganiro mw’Ibanga na Président Ndayishimiye vyose bizomenyekanira kuri Uvira!
Mukabona Uvira M23 irayifshe,Uburundi butayigwaniye,aho muzomenyeko i Deal yariwe!
Ariko bitagenze ukwo ni ngombwa Uvira izosesekemwo amaraso menshi cane,kandi Intambara ya Uvira izotuma imipaka yose Uburundi bihana n’Urwanda ihungabana! Aha rero intara zose zihana urubibe n’Urwanda zikwiye kwama ziri magabo!
Kuko RDF irashobora kunanirwa gufata UVIRA,bagakina ayandi mayeri kugira batoborere ahandi kuburyo batatanya inguvu za FDN!
Aha rero RDF ntizoza nk’aho Urwanda rwateye Uburundi,Oya,babicisha kuri ya mirwi mwumva yitangaza ko Igomba kurwanya Leta ya CNDD FDD!
Bishitse naho hakaba ivyo biganiro vyo mw’ibanga, kugira Uburundi bwihoze iyo Ntambara, aho AFC/M23 izoba ihisemwo guhemukira abo bakoranye nka RED-TAbara n’anandi! Ariko naho nyene Uburundi ntibwosamazwa nayo masezerano,kuko kubahinduka ntaco bisaba!
Congo ni ngombwa ivemwo ikindi Gihugu,
Mwarabonye Aho M23 yafashe yagiye irashinga inzego nshasha zitazwi na Kinshasa,nukuvuga ubu Nord-Kivu ifise ba Gouverneurs babiri,uyoboka AFCM23 nuwuyoboka Leta!
Sud-Kivu nayo nyene nuko,hari babiri nyene!
Uyu musi Abakozi ba Leta,ama Banques, vyose biri Aho M23 yafashe babategetse gusubira ku mirimo kandi bahembwa na M23 nyene! Uca wibaza Ama Banks akura hehe Amafranga ariko akoresha muraka kanya mugihe atariko akorana na Banque nkuru y’Igihugu!
Ejo bundi mwarabonye itangazo Leta ya Congo yasohoye ko igiye gutoza ama koli ku bintu vyose bizova aho M23 yafashe,none mwumva kikiri igihugu kimwe?
Impanuro:
Abarundi rero,mugasamarira muri ako gahengwe mubona,mukijajara ngo vyaraheze,mumenye ko Abandi baticaye,
Mwibukeko ico Gihugu mwakigize nk’iyarara abanya mahanga bagendamwo ukwo bishakiye,Aho muravye nabi Adui ariko arinjira buhoro buhoro,muzogira ngo mugiye kurwanya uwuvuye hanze ,munzu naho umuriro wake!
Mubure Aho muzimya naho mureka!
2013 Igihe Urwanda rwicanganya ngo rugira ruhangane na Tanzania,kandi bari bapfuye M23 nyene,
Ingingo yambere yafashwe na Leta ya Tanzania kwabaye kwirukana ku nguvu Uwitwa Umunyarwanda wese ku butaka bwa Tanzania,
Ico gihe n’Abrundi barirukanwe cane muri Tanzania ngira muravyibuka!
Ego ntawovuga ngo ni mwirukane Abanyarwanda canke Abanyamulenge bari mu Burundi,ariko namba ari Impunzi,ni kuki batojanwa mumakambi y’Impunzi bakabayo!? Bagasohoka kuruhusha!? Naho nyene rutarenza imisi ibiri gusa!?
Abanya Rwanda nabo,namba ari uwuba muburundi akahaba akurikije amategeko,kuko mu Burundi igihugu mengo mwarakidandaje kabisa! Ivyo vyose bibavyarira agasuzuguro!!!!!
Namba ubu hari igihugu kigoye kwinjiramwo,ni Urwanda kuko bobo barazi Aho bakuye Igihugu Cabo, Urahaba ariko mumategeko





Recent Comments