UBM News ads

Iyi Ntambara koko Evariste Ndayishimiye azoyitsinda?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Evariste Ndayishimiye yatangaje intambara yeruye mu karere mu gihe urwanda rwoza kwihagira imbibe z’uburundi nkuko biri kugenda muri kongo bikozwe n’urwanda.

Prezida Evariste Ndayishimiye yemeza ko buca kabiri M23 na ya misore yahungira mu rwanda ikinjira mu burundi kwihagira imbibe ariko ko abarundi bazatazorera amaboko bazobarwanya.

Prezida Evariste Ndayishimiye yaraye amenyesheje ko Ivyo urwanda ruri gutegura abikwirikiranira hagufi mbere yemeza ko afise amakuru ko ivyo M23 iri gukora ikoranye n’urwanda buca kabiri bakaza kubikorera mu burundi nkuko yaraye abishikirije mu birori vyo kwipfurizanya umwaka mushasha kubaserukira ibihugu vyabo mu burundi.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yemeza ko ba basore bahungira mu rwanda kagame yabahaye ibikoresho vya gisirikare ubu bakaba bariko barwana muri kongo bakoranye n’umuhari M23.

Evariste Ndayishimiye yemeza buca kabiri bakaza kwihagira imbibe z.uburundi ariko akavuga ko abarundi badashobora kuvyemera.

Amakungu ataco akoze ngo agondoze urwanda hazobaho intambara yeruye mu karere mu karere.

Prezida Ndayishimiye yababajwe kandi nuko amakungu ataco ariko arakora kugira afashe guhagarika umugambi w’urwanda mu guhungabanya umutekano mukarere gutyo asaba abaserukira ibihugu vyabo mu birundi kugondoza urwanda tuhagarike iyo ngendo mbi bitabaye uko naho akarere kose kazoshikirwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments