Prezida Evariste Ndayishimiye yasavye abaserukira ibihugu vyabo mu muburundi kugondoza urwanda ruhagarike iterabwoba ruri gukora muri Kongo bitagenze uko iyi ntambara ishobora gufata akarere kose.
prezida Ndayishimiye yemeza uburundi butazokwigera na rimwe bwemera ko ubwigenge bw’ibihugu vyo mu karere buvogerwa kandi inzu y’umubanyi ihiye narwawe iba yegereje.

Kuri uyu wa 31 Nzero 2025, Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yapfurije umwaka mwiza w’2025 abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi. Ibirori vyabereye ku kirimba c’Umukuru w’igihugu i Kiriri.
Muri ivyo birori Prezida Evariste Yarashikirije amakenga abona ku ntambara iriko ibera mu buseruko bwa kongo aho yasavye abaserukira ibihugu vyabo mu burundi kugondoza prezida Kagame w’urwanda guhagarika iterabwoba ari gukora muri kongo.
Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akavuga ko Uburundi budashobora kurera amaboko mu gihe inzu y’umubanyi ihiye na rwawe iba yegereje kandi yemeza ko uburundi butazopfa bwemeye ko ubwigenge bw’ibihugu vyo mu karere buvogerwa mu gihe urwanda rubandanya gufata imbibe z’ikindi gihugu(Kongo).
Agira ati:”urwanda rubandanije gufata imbibe z’ikindi gihugu ntituzovyemera,ndazi neza ko ejo bizoshika no mu burundi”.
Prezida Evariste Ndayishimiye Yaranhgije asaba amakungu kugira ico akoze bitabaye uko iyi ntambara ishobora gufata akarere kose.





Recent Comments