UBM News ads

Paul Kagame na Tshisekedi bagiye guhurira mu nama ya SADEC na EAC muri Tanzaniya.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida wa Kenya william Ruto ahejeje gutangaza ko Prezida Paul kagame na Tshisekedi bagiye guhurira mu nama idasanzwe ya SADEC na EAC kuri uyu wa gatandatu muri Tanzaniya mu ntumbero yo gukemura ibibazo vy’umutekano muke ubarizwa mu buseruko bwa kongo.

Prezida William Ruto ahejeje kumenyesha ko hategekanojwe inama ya SADEC na EAC izoba kuri uwu wagatandatu muri tanzaniya mu ntumbero yo gukemura ibibazo vy’umutekano muke birangwa mu buseruko bwa kongo nkuko bihejejwe gutangazwa na Prezida wa kenya William Ruto akaba anayoboye ibihugu bigize umuryango wa EAC.

Ibi bibaye inyuma y’ubwumvikane hagati ya prezida Wa zimbabwe Emmerson Mnangagwa na prezida wa kenya william Ruto nkuko william Ruto yabitangaje.

Prezida william Ruto yavuzeko Prezida Samia Suluhu Hassan yemeye kwakira iyo nama igamije gukemura ibibazo vy’umutekano muke
mubuseruko bwa kongo.

William Ruto akaba yamenyesheje ko Prezida Paul kagame na Felix Tshisekedi wa kongo bazoyitabira iyo nama kandi bamaze kuvyemeza hakaba hazobanza kuba inama y’aba ministre kuwa gatanu hama kuwa gatandatu habe inama y’abakuru b’ibihugu kandi ko Prezida museveni wa uganda,Cyrill Ramaphosa wa Afrika y’epfo,Hassan Mohamud wa Somalia bazokwitabira iyi nama idasanzwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments