UBM News ads

Gutanga ama bourse yo kwiga hanze birimwo kamwana wa mama-Emmanuel Sinzohagera.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’inama nkenguzamateka Emmanuel Sinzohagera asaba umushikiranganji w’indero Prof Francois Havyarimana guhagarika kamwana wa mama kibonekeza mw’itangwa ry’ama bourse kubana baja kwiga hanze.

Emmanuel Sinzohagera agira ati:” Nta Promotion y’ubujuju dukeneye mu gihugu,Turungike incabwenge,abo nibo bazogaruka gufasha igihugu”.

Mu gihe umushikiranganji w’indero prof Francois Havyarimana yari umutumire uyu musi mu mana nkenguzamateka,Uwurongoye inama nkenguzamateka yagaragaje akababaro afise kukibazo c’abana bahabwa ama bourse yo kwiga hanze ariko bafise amanota make ibiheza bigatuma baronka umwimbu muto mu bihugu baba bagiyemwo kwiga.

Hon Emmanuel Sinzohagera abona ko ikibazo c’ubusumbasumbane mu ntara ku bana bahabwa ama bourse yo kwiga hanze gikwiye gukurwaho.

Ibaze kubona umwana aronka 90% akabura ariko uwa 70% akagenda”Niko Emmanuel Sinzohagera avuga”.

Uwo arongoye inama nkenguzamateka avuga ko vyukuri hakwiye kurungikwa abana baronse amanota meza nayo abaronse make basigare.

Agira ati:”Ntidukeneye guteza imbere ubujuju mu gihugu,dukeneye incabwenge.”.

Umushikiranganji Francois Havyarimana ajejwe indero akaba yamenyesheje ko bagiye kugira ivyo bahindura kugira ntihagire umwana asigara kandi yaronse amanota meza akenewe.

Prof Francois Havyarimana akavuga ko ubu buri ntara yose iserukirwa kubana baronka bourse yo kwiga hanze bafatiye ku manota asabwa kandi bagaca babitangaza(affichage)kugira umwe wese yibone.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments