UBM News ads

Abarundi bagiye kwirukanwa muri Amerika ntibazoronka aho bakwirwa-Gelase Ndabirabe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’inama nshingamateka Daniel GĂ©lase Ndabirabe yamirira kure abashingamateka bavuga ngo abarundi buzuye amabohero muri zambiya bakibagira abarundi buzuye amabohero muri Canada ariko ntibavurwe,akavuga ko ubuho abarundi bagiye kwirukanwa muri Amerika bazobura naho bakwigwa barindire gusa!

Ndabirabe ati:”Genda murabe abarundi bapfungiwe Canada,ko mutabavuga? ubuho abagiye kwirukanwa muri Amerika ntimuzoronka n’aho mubakwiza,murindire gusa”.

Mu gihe abashingamateka bariko bagerageza kuvugira abarundi benshi bapfungiwe mu gihugu ca zambiya,Daniel Gelase Ndabirabe arongoye inama nshingamateka yabamiriye kure abamenyesha ko no muri Canada abarundi buzuye amabohero ariko ntibavugwa.

Gelase Ndabirabe yagiriyeko abasaba ko bozana ivyemezo bifadika kugira koko bimenyekane ko abarundi benshi bapfungiwe i Zambiya. Uwo arongoye inama nshingamateka yagize ati:”mbe muri Canada ntabarundi bapfungiweyo ko mutabavuga?ubuho rindira abarundi bagiye kwirukanwa ntimuzoronka iyo mu bashira.”.

Abashingamateka basavye ko Inama nshingamateka yogena umurw’umurwi w’abashingamateka boja kuraba abarundi buzuye amabohero muri Zambiya ariko Gelase Ndabirabe abishura ko bitokunda kwoba ari gukwega ibibibazo bikomeye ariko ko ababijejwe bariko barabikwirikirana.

Ibi yabishikirije uyu musi mu nama nshingamateka mu gihe abashingamateka bariko biga integuro y’ibwirizwa ijanye n’amasezerano yateweko igikumu n’igihugu c’uburundi kubijanye no gukuraho impapuro z’inzira z’icubahiro hagati y’igihugu ca zambiya n’uburundi yateweko igikumu i Lusaka kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi 2024.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments