UBM News ads

Mbega umurundi aratunganiwe mu vyiwe no mu biwe?-Prezida Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Evariste Ndayishimiye yemeza ko ata ntsinzi iraboneka muri CNDD-FDD kuko hataragera yaho umurundi atunganirwa mu vyiwe no mu biwe.

Mu gihe ku musi w’ejo abagumyabanga b’umugambwe CNDD-FDD bo mu ntara ya Gitega yagutse bari baramutse bipfurizanya umwaka mushasha,prezida Evariste Ndayishimye yarasiguye ico arico ijambo intsinzi riboneka mu ndamutso y’umugambwe CNDD-FDD.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye hari abagumyabanga bohava biyumvira ko intsinzi ari ibibanza barimwo canke amajwi ariko ivyo sivyo.

Varisto Ndayishimiye yamenyesheje ko intsinzi ari uko umurundi wese atunga agatunganirwa mu vyiwe no mu biwe.

Yarangije avuga ko iyo ntsinzi rero batarayishikako aho umurundi atunga agatunganirwa mu vyiwe no mu biwe ariko hakiri urugendo gushika bashikiriye iyo ntsinzi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments