Imbere y’abaserukira ibihugu vyabo mu rwanda,prezida Paul kagame w’Urwanda yaraye amenyesheje ko prezida wa kongo FĂ©lix Tshisekedi atigeze atorwa na rimwe mu biringo vyiwe 2( 2018,2023) no kuba Tshisekedi ariwe nkwezi y’ibibazo bikomeye mu karere.

Ku musi w’ejo igenekerezo rya 16 nzero 2025,imbere y’abaserukira ibihugu vyabo mu rwanda,Prezida Paul Kagame w’urwanda yaraye yagirije prezida Felix Tshisekedi wa kongo kuba ariwe nkwezi y’ibibazo vy’umutekano muke vyibonekeza mu karere.
Paul Kagame yavuze kandi adacishije iruhande ko prezida Felix Tshisekedi wa Kongo atigeze atorwa na rimwe mu biringo vyiwe 2 ni kuvuga muri 2018 na 2023.
Ikindi yagarutseko nuko iyo hageze ibibazo birangwa muri kongo,Paul kagame avuga ko ari ikibazo c’ubuzima n’urupfu mu gihe kuri bamwe baserukira ibihugu vyabo mu rwanda bivugira ivyo bashatse nk’abari kwikinira umupira.
Prezida Kagame yagize ati:”imbere y’iki kibazo sinshobora na gato kwitwara uko mushaka ko nitwara,kuri jewe n’abanyagihugu banje ni ikibazo c’ubuzima n’urupfu ariko kuri mwebwe mwivugira ivyo mushatse nk’abikinira umupira”.
Ibi bihugu Urwanda na Kongo,imigenderanire yavyo yaratosekaye inyuma yaho umuhari m23 utangurije ibitero vyo kurwanya ubutegetsi bwa kongo maze kongo ikagiriza Urwanda gushigikira uyu muhari.
Urwanda narwo rukagiriza Kongo Gukorana n’umuhari FDLR wakoze ihonyabwoko mu Rwanda mu mwaka w’1994.





Recent Comments