Urwanda rwagirizwa guhungabanya ibikorwa bishigikiwe n’Amerika vyo kwagura umuhora(corridor) wa Lobito gushika mu buseruko bwa kongo.
Molly Phee,icegera pc’umunyamabanaga wa Leta y’Amerika ajejwe ibibazo vya Afrika yemeza ko Amerika yashatse kwagura umuhora wa Lobito gushika mu Buseruko bwa kongo ariko urwanda Ruravyanka.

Urwanda rutungwa urutoki kuburabuza ibikorwa bishigikiwe na Leta y’Amerika vyo kwagura umuhora(corridor) wa Lobito mu buseruko bwa kongo ariko urwanda rukaba rwabaye intambamyi muri ivyo bikorwa.
Nkuko vyaraye vyemejwe n’icegera c’umunyamabanga wa Leta Y’Amerika ajejwe ibibazo vy’afrika Molly Phee kukimenyeshamakuru c’abafransa(AFP) kw’igenekerezo rya 18 Nzero 2025,avuga ko Leta y’Amerika yari yipfuje kwagura umuhora wa Lobito gushika mu buseruko bwa Kongo ariko urwanda rukavyanka.
Molly phee yagize ati:”umugambi wari ugeze kure mu nzira nziza,kandi uyu mugambi waganiriweko n’abo vyega bose ariko kigali yaravyanse.”.
Molly Phee yagarutse kandi kukibazo c’umuhari m23 aho amenyesha ko Prezida w’urwanda Paul kagame n’umuhari m23 bakomeje kuba intambamyi mu mugambi w’amahoro mu buseruko bwa kongo.
Uwo mugambi rero nkuko vyaraye vyemejwe na Molly Phee,vyasabwa ko Kongo igira uruhara ruboneka mu kwitandukanya n’umuhari FDLR wagirizwa gukora ihonyabwoko mu rwanda mu mwaka w’1994.





Recent Comments