UBM News ads

Uburundi bwarabuze infashanyo kubera butemera abarongorana bahuje ibitsina-Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uburundi bwarabuze infashanyo buzize ijambo prezida varisto Ndayishimiye yavuze ngo abarongorana bahuje ibitsina bakwiye guterwa amabuye.

Nkuko bivurwa na Prezida Evariste Ndayishimiye,akibivuga banki y’isi na FMI bamubwiye ko bahagaritse infashanyo kubera iryo jambo yavuze!

Mu gikorane c’amasengesho yo gushimira Imana catunganijwe kumagenekerezo ya 28-31 kigarama 2024, n’umuryango w’umukuru w’igihugu,Prezida Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko umwaka uheze ariko anigana n’amakungu ngo yemere abarongorana bahuje ibitsina mu Burundi!

prezida Varisto Ndayishimiye yamenyesheje ko infanshanyo nyishi zatangwa n’amakungu zigenewe gufasha uburundi zahagaritswe kubera ijambo yashikirije kuwa 31 kigarama 2023 aho yavuze ko abarongorana bahuje ibitsina bakwiye guterwa amabuye.

Tumwe mu turorero dutangwa na prezida Evariste Ndayishimiye n’ibanki y’isi(Banque Mondiale),na FMI aho bamwiterefoneye bamubwira ko ijambo yavuze ritumye ata nfashanyo uburundi buzosubira guhabwa.

Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko naho babikoze uburundi bubandanya bubaho kandi ko badashobora gusenyura imico n’imigenzo y’igihugu kuko ariyo uburundi bwubakiyeko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments