UBM News ads

Nimba abarimu ba kaminuza bari kugenda mumahanga nuko bizewe-Reverien Ndikuriyo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD avuga ko nimba abarimu ba kaminuza y’uburundi bari guta akazi bakagenda mu mahanga nuko bizewe cane ko bashoboye.

inyishu kuri kino kibazo kubwa reveriyano Ndikuriyo,Leta niyigishe benshi hagire abagenda n’abasigara.

Iyo niyo nyishu ya Reverien Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD ku kibazo c’abigisha ba kaminuza y’Uburundi bataye akazi baja gukora ahandi

Iki kibazo catanguye kubazwa kera ahubwo ngira, ni kubera hari abo muri kaminuza bagiye. Ariko sibo gusa hari n’abaganga bagiye. Mu comité nkuru y’umugambwe twavuze duti ko Abarundi basigaye babemera bakabatwara no gukora hanze, icokorwa rero ni kwigisha benshi kugira haze haboneke abagenda n’abasigara.kandi ikindi nimba bari kugenda nuko bizewe mu makungu.

Yongeyeko ati: “Ariko iyo uvuze ngo wigishe benshi hari ibitegurwa. Murazi ko no mu minsi iheze hari abari baragiye mu Rwanda mu nyuma baragaruka. N’ubu bizoshika bagaruke. Ikibazo kije duca twiga inyishu tuzogitorera ariko inyishu tuzotanga sinaje kuyivugira aha bizoca mu nzego zibijejwe”

Tubibutse ko kaminuza y’Uburundi iheruka kumenyesha ko hari umurindi uteye amakenga w’abakozi bayo baheba akazi kuva mu 2020. Uwo murindi ukaba wariyongereye cane muri 2024 aho abakozi 118 harimwo abigisha 41 bataye akazi.

Ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 03/01/2025 cabereye mu ntara ya Makamba

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments