Prezida Evariste Ndayishimiye yemeza ko kuva agitora ubutare abarundi bamugwanije cane ngo uburundi ntibushore ubutare ariko abarundi nibatabona umbwimbu uvuye mu butare utanzwe narya shirahamwe SOTREVO bazomwite umusuma.
Varisto Ndayishimiye ati abarundi bazoronka amafranga hamwe babura n’ico bayakoza.

Mu nyigisho z’urwaruka yatanze ku musi w’ejo mu masengesho yo gushimira Imana arangiza umwaka,Prezida Evariste Ndayishimiye yaratanze umuco kubamwiyumvira ko yashatse kwiba igihugu mu kwegurira ishirahamwe SOTREVO ngo ricukure ubutare bw’i Murehe.
Mu nyigisho z’urwaruka ku musi w’ejo muri ETS kamenge,Prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko abarundi bamurwanije cane kuva hagitorwa ubutare ariko ko ubutare buzocukurwa kandi butange umwimbu kugihugu.
kucerekeye ishirahamwe SOTREVO rizocukura ubutare bw’imurehe,prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko amasezerano bagiraniye na SOTREVO ari meza cane kandi ko mu gihe abarundi batobona umwimbu bazomwite umusuma.
Umukuru w’igihugu akaba yamenyesheje urwaruka ko yipfuza gukorana narwo mu gisata c’ubutare n’agataka kuko ni bo kazoza k’ejo kugihugu
Twokwibutsa ko ishirahamwe SOTREVO ariryo riherutse kuronka uruhusha rwo gucukura ubutare bw’imurehe mu kiringo c’imyaka 15 ariko Leta y’uburundi ikazohabwa ibice 20%ku mwimbu ugurishijwe nayo SOTREVO igahabwa ibice 80% ivyo abarundi batari bake bagumye biyamiriza.





Recent Comments