Ihuriro ry’abarundi baharanira Democrasi n’igihugu kigengwa n’amategako(IC/Rapide-Seruka)basaba uwurongoye inama nkuru y’abepisikopi katolika mu burundi kugondoza Leta y’uburundi ihagarike umugambi w’amatora ataco azoshikanako abarundi maze itunganye ibiganiro bidakumira mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo uburundi burimwo.

Mw’ikete IC/Rapide-Seruka yandikiye uwurongoye inama nkuru y’abepisikopi katolika mu burundi kuwa 12 nyakanga 2024,basaba ishengero katolika kugira uruhara rukomeye mu gushayura uburundi kuko bugeze ku manga.
IC/Rapide-Seruka itangura yibutsa ko kuva muri 2015 intwaro intwaro yari ijejwe gutunganiriza bose yahindutse iyo agacinyizo.
Iri huriro rimenyesha ko ryandikiye abarongoye inama nkuru y’abepisikopi katorika mu burundi kugira bagondoze Leta yihutire ibiganiro bidakumira mbere vyofasha gutunganya amatora yizewe kuko ayariko arategurwa ataco azoshikanako abarundi.
IC/Rapide-Seruka isaba uwurongoye inama nkuru y’abepisikopi katorika mu burundi gufasha kugira ubuja abarundi bashizemwo hahonyanzwe amasezerano ya Arusha kuva mu mwaka wa 2005 n’ayandi mategeko yose aganga akarere k’Afrika y’ubuseruko uburundi burimwo buhagarara.
IC/Rapide-Seruka isaba kandi ivuga ko abarundi bapfungwa kukarenganyo bagakeneshwa n’uwuramutswa Igihugu Evariste Ndayishimiye ashira imbere akarenganyo gukumira hamwe n’iterabwoba hagutunganya neza igihugu.
IC/Rapide-Seruka ikabona ko bikenewe ko amahoro aboneka akomoka k’ukuri,ubutungane n’uburinganire kuri bose.
IC/Rapide-Seruka ivuga ko naho Ishengero katolika itajejwe uburongozi ibicishije mu kwemera ikwiye guhamagarira abategetsi kwubaha no gushira imbere ubutungane.
N’ico Gituma ishengero Katolika ribwirizwa kurwanya amabi mu ntumbero yuko abayoboke bayo barangwa n’urukundo n’ukuvuga ukuri bitari uko,iryo huriro ribona ko Ekleziya katolika yoba iriko ikora ibihushanye nivyo yigisha.
IC/Rapide-Seruka yizeye ko Ekleziya katolika izoja imbere mu guhagararira ukuri n’ukubaho no mu bihe bigoye abarundi bariko baracamwo bikozwe n’abategetsi





Recent Comments