Umushikiranganji w’intwaro ya hagati mu gihugu Martin Niteretse agabisha abigize ibinani mu kudatanga amakori ko atanguje urugamba rwo kubarwanya gushika bagarukanye amamiliyaridi n’amamiliyaridi bishuzwa n’ikigo OBR.
Martin niteretse ati:”hari abatanguje urugamba ntitwabimenya reka natwe tubarwanye hakore itegeko,bashatse kwimbira ikinogo abarundi ariko ntituzovyemera.”.

Inyuma yaho bigaragariye ko hariho abantu bigize ibinani mu kudatanga amakori n’amatagisi mu kigo OBR,umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse arabakurira inkoni ku gishitsi ko ari kubarwanya kuko nabo arivyo bahisemwo.
Mu nama yo kuwa 18 kigarama 2024 ubushikiranji 3 bwarakoranye;ubwo intwaro yohagati mu gihugu,ubutungane n’ikigega ca Leta bwarakoraniye hwamwe mu kugira urunani rukomeye kugira abantu vyagaragaye ko base gutanga amakori n’amatagisi mu kigo ca Leta bahagurukirwe.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse yamenyesheje ko hariho abantu batanguje urugamba maze abarundi ntibabimenya ariko ko arivyo bahisemwo bagiye kubarwanya ata rusoro ruvuze ariko hakoze itegeko.
Martino yagize ati:”ntidushobora kwemera ko aba bantu basubiza inyuma ubutunzi bw’igihugu bitwaje igikenye.bategute urugamba ntitwabimenye,ntibashobora kwimbira icoba uburundi tuzobakwirikirana tubarwanye twisunze itegeko.”
Ibi bimeze uku mu gihe abagize urwego nyobozi rw’ikigo OBR baherutse kumenyesha umukuru W’igihugu Evariste Ndayishimiye ko hari abantu bananye gutanga ikori bitwaje igikenye.
prezida Evariste Ndayishimiye akaba yasavye ikigo OBR gukwirikirana abo bantu bazane ayo mafranga bitarenze kuwa 31 kigarama 2024.





Recent Comments