Umukuru w’inama nshingamateka avuga ko abashingamateka bo mumwaka uza bazoba bafise indege rwabo kuko kubwiwe kuyironka vyoroshe cane kuko haba amasezerano yise( contract de Leasing) nko gukotesha.
Gelase yemeza kandi ko umugambi wa Kayanza Airline utahagaze naho hari ababatwenze ariko ko habonetse uwuzana indege ntoya atari bimwe binini vuba abarundi bazobona indege ya Kayanza Airline kuko amasezerano ageze kure biciye muri contract de Leasing.

Gelase Ndabirabe arongoye inama nshingamateka yaraye yemeje ko umugambi w’abanyakayanza wo kugura indege utahagaze ahubwo hakiriko haraba amasezerano kugira haboneke abafasha muri uyu mugambi kuko utwara uburyo bwinshi.
Kubwa Gelase abanya kayanza nta mahera boronka yo kugura indege mugihe badafise n’umuduga ahubwo hariko haba ico yise contract de Leasing kugira haboneke ababashigikira bazane iyo ndege.
Ndabirabe yemeza ko hariho abantu bashaka kuzana indege ntoya rero ko ibiganiro bigeze kure vuba bizohera kandi ko bipfuza ko ikibuga c’indege coba mu Kirundo.
Gelase Ndabirabe akemeza ko kuronka indege atakigoye kirimwo kuko iyo contract de leasing ari nkugukotesha kuko ntaba bahinga(technicien)bagusaba,ntabazitwara bagusaba,niyo ipfuye barikoreshereza.rero ntakigoye kirimwo nkuko abivuga.
Ndabirabe yamenyesheje ko abashingamateka bo mumwaka uza azobasaba bakarondera indege yabo kuko ubu ntivyoba bigikunda kuko bamwe ikiringo caheze.ibi akaba yabishikirije kuri uwu wa 12 kigarama 2024 mu nama nshingamateka.





Recent Comments