UBM News ads

Mbege indege yari ijejwe kurerura umukuru w’igihugu ntirakorwa?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Indege yari ijejwe kurerura umukuru w’igihugu iri muri Espagne mu kurindira ko uburyo buboneka bwo kuyisanura nkuko vyaraye bitangajwe n’umushikiranganji w’ubudandaji Marie Chantal Nijimbere.

Uwo Umushikiranganji akemeza ko buri mwaka hari amafranga agenewe iyo ndege yo kuyitihira ikibanza ibitswemomwo(parking)

Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ubudandanji yaraye atanganje ko indege yari ijrjwe kurerura umukuru w’igihugu iri i Madrid muri Espagne ko hacitezwe uburyo bwo gushobora kuyisanura kugira igaruke mu burundi gukora akazi yari ijejwe.

Ibi yabishikirije ku musi w’ejo mu nama nshingamateka mu gihe yari yatumiwe gusigura nteguro y’ibwirizwa iha uburenganzira Republika y’uburundi gushira umukono kumasezerano ahinyanyiye agenga ivyo gutwara abantu biciye mu kirere.

Umushikiranganji Nijimbere yashikirijr ko hari ibikorwa vya gusanura ikibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye bifashwe mu mumugongo n’igihugu c’ubu chinois cane cane mu gusubiramwo piste,parking n’aba biro y’abajejwe ikibuga c’indege.

Ikindi nuko Leta y’uburundi yishimikije ya mbonakazoza ya 2040-2060 Hategekanijwe isubirwamwo ry’ibibuga vy’indege ntonto zizokoreshwa hagati mu gihugu mu gutwara abantu n’ibintu biciye mu kirere.

Bimwe mu bibuga vy’indege bishobora kwubakwa n’ico iBugendana,kirundo na mwumba i Ngozi n’ahandi.

Ariko nkuko Marie Chantal abimenyesha bisaba uburyo bwinshi arico gituma hariko haraba amasezerano kuboshobora gufata mu mugongo ibi bikorwa kandi ko bigeze kure.

Kucerekeye indege yarerura umukuru w’igihugu,Marie Chantal Yemeza ko umurwi w’abahinga wamaze kugenda muri Espagne kwirabira uko ibikorwa vyogenda kugira iyo Ndege isanurwe ariko ko uburyo bukiri intambamyi igihe cose hobonekera uburyo ibikorwa vyotangura

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments