Leta y’uburundi,Ishirahamwe mpuzamakungu ONU bisabwa kwemeza ko abahutu bakorewe ihonyabwoko mu mwaka wa 1972 nkuko bimaze gukorwa ahandi.
Bisabwa na J.de Dieu Mutabazi arongoye mugambwe RADEBU akaba arongoye inama nkuru y’igihugu ijejwe gukinga no kurandurana n’imizi ihonyabwoko.

Inama nkuru y’igihugu ijejwe gukinga no kurandurana n’imizi ihonyabwoko n’ayandi mabi asinzikaza agateka kazina muntu ONPGH, imenyesha ko yifadikanije n’inzego zirongoye imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu mu gusaba umunyamabanga mukuru wa ONU kwemezako mu mwaka w’1972 habaye ihonyabwoko ry’abahutu b’i Burundi nkuko bamaze kubikora ahandi.
Bimwe muvyo ONPGH, ishikiriza kugira isabe ko hemezwa iryo honyabwoko, ni raporo y’umurwi ujejwe ukuri no kurekuriranira yemejwe n’inama Nshingamateka na Nkenguzamateka vy’uburundi, ingingo yo gufuta imanza zose zari zaciwe na Sentare ntahinyuzwa y’i Gitega na Bujumbura mur’uwo mwaka w’1972.
Ikindi nuko mu muhango w’umukuru w’igihugu c’Uburundi yari yasezeranye ko hamwe umurwi CVR wosohora raporo yanyuma azoca yemeza iryo honyabwoko,ikindi n’igishingantahe ca Gen Rugigana aherutse kwandika kw’iyicwa rya prezida Melchior Ndadaye hari kuri uwu wa 9 munyonyo 2024.
Yemeza ko ryakozwe n’intwaro ya Republika ya mbere, kandi ko ryabandanirije mu mashuri hakoreshejwe ikumirwa ry’abantu mu buryo bwa u/i, u igasigura umunyeshuri w’umuhutu, i igasigura umunyeshuri w’umututsi.
Ngo harabaye ivangura ry’amoko ry’akataraboneka mu gihuhu c’uburundi
Jean de Dieu Mutabazi arongoye ONPGH, yabishikirije mw’itangazo ryo kur’uyu wa 11 Munyonyo 2024, rijanye n’ihimbazwa ry’imyaka 76 iheze, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryemeje amasezerano yo gukinga icaha c’ihonyambwoko. Umunsi uhimbazwa kuwa 9 Munyonyo, uko umwaka utashe kuva mu mwaka w’1948 hemejwe amasezerano yo kurwanya ihonyabwoko.





Recent Comments