UBM News ads

Urwanda rwatanguye umugambi wo kujana abanyagihugu barwo muri kongo mu bice bimaze gufatwa na M23-Felix Tshisekedi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Felix Tshisekedi wa kongo yagirije urwanda umugambi mushasha wo kujana abanyarwanda kuba muri kongo mu bice bimaze kwigarurirwa n’umuhari M23.

Tshisekedi ati urwanda rufise umugambi wo kwirukana abakongomani rukahazana abaryarwanda barwo kandi vyaratanguye!

Mu gihe kumusi w’ejo prezida Tshisekedi yageza ijambo kubakongomani kuvyerekeye ibiraba ubuzima bw’igihugu hamwe n’ibimaze kurangurwa n.ibigiye gukorwa,Felix Tshisekedi yagarutse ku mubano n’urwanda aho ubandanya gutosekara.

Felix Tshisekedi yamenyesheje ko urwanda ruteje umutekano muke mu buraruko no mubuseruko bwa kongo ariko ko ingabo zakoze ibishoboka vyose kandi nubu zikomeza kurwanira ubutaka bwa kongo kugira umwansi ntabwigarurire.

Naho biri uko Tshisekedi aragaruka akavuga ko urwanda rufise umugambi kandi ko rwawutanguye mu kwirukana abakongomani hama urwanda rukahazana abanyarwanda bakahibera cane cane mu bice vyafashwe n’umuhari m23 muri za masisi na rutshuru n’ahandi.

Felix Tshisekedi amenyesha ko umuhuza mu matati ya kongo n’urwanda Joao Laurenco ku nguvu ariko arashiramwo kugira haboneke umuti urama.

Tshisekedi yongera avuga ko ibwirizwa nshingiro ari ngombwa ko rihindurwa kuko biri mu vyihutirwa kuko ibwirizwa nshingiro rya kongo ryubatswe nabi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments