Ikiza covid 19,ibihano vy’agahotoro uburundi bwafatiwe muri 2015 hamwe n’intambara yo muri ukraine nivyo vyakweze ibibazo vy’ubutunzi uburundi buriko buracamwo nkuko vyemezwa na Evariste Ndayishimiye.
Naho biri uko Prezida Ndayishimiye asanga uburundi arico gihugu ca mbere mu karere ubuzima buzimbutse aho atanga akarorero k’umuceri w’iburundi mu karere kose ariwo uzimbutse.

Evariste Ndayishimiye yishura kubibazo vy’umumenyeshamakuru wa le journal TV5 le monde kuri uwi wa gatandatu,yamenyesheje ko impamvu uburundi buriko buraca mu bihe bitoroshe vy’ubutunzi ari inkwirikizi z’intambara yo muri Ukraine,ibahano uburundi bwafatiwe n’amakungu n’ikiza covid 19.
Prezida Evariste Ndayishimiye yemeza ko naho biri uko uburundi buharurwa mu bihugu vyambere ubuzima buzimbutse ugereranije n’ibihugu bibanyi.
Evariste Ndayishimiye atanga akarorero ku muceri w’iburundi aho usanga uzimbutse gusumba iyindi miceri yose yo mu karere.
Nayo kuvyerekeye ibibazo vy’ibitoro,Evariste Ndayishimiye yemeza ko uburundi ari igihugu kidashika kw’ibahari ibiheza bigatuma igitoro kigora gushika mu burundi,ikindi nuko ata bigega vy’ububiko bw’ibitoro uburundi bufise baja kubikura i dar es salaam muri Tanzaniya ariko ko iki kibazo kigiye gutorerwa umuti mu kuko hagiye kwubakwa ibigega ntegakazoza iBujumbura.





Recent Comments