UBM News ads

Haribonekeza abarundi benshi bari guhunga uburundi kubera ubukene.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Keffa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU yemeza ko hibonekeza abarundi benshi bari guhunga igihugu kubera ibibazo vy’ubukene na politike.

Keffa Nibizi ati bamwe bari kugurisha utwabo bakagenda mu mahanga guhiga ubuzi.

Mu mugambwe CODEBU batewe impungenge n’umurindi munini w’abarundi wibonekeza bari guhunga igihugu kubwo ahanini ibibazo vy’ubukene na politike birangwa mu burundi.

Nkuko vyemezwa na Keffa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU,yemeza ko hagize imisi hari abategetsi barungikwa mu butumwa bw’akazi mu mahanga bagaca bigumirayo ntibagaruke ibiheza bigatuma igihugu kihahombera bikomeye kuko baba bagiye kuburyo bw’igihugu.

Keffa Nibizi asanga ahanini bitumwa n’ubukene buzura inzara buri mu burundi buri gutuma n’abarundi batari bake bemera gushora utwabo bakagenda mu mahanga kurondera ubuzi bakemera gukora n’ubuzi budashemeye kubera ubuzima.

Uwo arongoye umugambwe CODEBU asaba leta y’uburundi kugarukana icuka ciza mu gihugu abarundi bumve ko batunganiwe bitume mbere n’abanyamahanga bipfyuza kuza mu burundi.

Ibi Keffa Nibizi abishikirije inyuma yaho hibonekeye umukozi wo mubushikiranganji bw’indero agiriye mu gihugu c’ububiligi yitwa Germain Ndayishimiye hama ntiyagaruko ivyatumye umushikiranganji w’indero amusubiriza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments