UBM News ads

Domina Banyankimbona asabwa gutunganiriza vuba abanyamitahe minini banyazwe ivyabo mu bitaro Kira

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikikiranganji w’ubutungane Domine Banyankimbona aterwa akamo n’abanyamitahe minini b’ibitaro KIRA kubatunganiriza vuba kuko Leta y’uburundi yihagiye ibitaro Kira ihonyanze amategeko.

Bitagenze uko abo banyamitahe minini bavuga ko bagiye kwitwarira Leta y’uburundi mu gisata c’ibanki y’isi yose kijejwe gutatura amatati ajanye n’inyuruzwa ry’imitahe kandi ko Leta y’uburundi ishobora gufatirwa amatungo yayo no kubura abanyamitahe baza mu Burundi.

Abanyamitahe minini b’ibitaro b’ibitaro Kira batera akamo umushikiranganji w’ubutungane kubatunganiriza kuko Biboneka ko Leta y’uburundi yihagiye ibitato Kira bidakurikije amategeko.

Mw’ikete riteyeko umukono ryo kuri uyu wa 25 munyonyo 2024,abanyamitahe b’ibitaro Kira bateye akamo Domina Banyankimbona ajejwe ubutungane kubatunganiriza bitagenze uko bategekanya kwitwarira leta Y’uburundi muri sentare ijejwe gutatura amatati ajanye n’inyuruzwa ry’imitahe(CIRDI).

Abo banyamitahe bashikiriza ko bariko baragira uruhombo runini bitumwe na Leta y’uburundi yihagiye ibitaro Kira ikoresheje intumwa yayo Charles Ndagijimana.

nkuko babandanya babisjikiriza muri iryo kete,bavuga ko kuva Dr Christophe Sahabo afatwa agapfungwa kuva muri 2022 vyerekanye ko Leta y’uburundi yashaka kwigizayo abari bagize urwego nshingantwaro harimwo Sahabo Christophe kugira bikunde vyoroshe kwihagira ivyo bitaro.

Muvyo bategekanya nkuko babivuga abo banyamitahe minini b’ibitaro Kira,ngo bagiye kwitwarira Leta y’uburundi ariko bagasaba ko hobanza kuba ibiganiro ku mpande zose kuko bipfuza ko uburundi butorwa butohagirira ingorane zikomeye.

Abo banyamitahe bakamenyesha ko leta y’uburundi itsinzwe yohahombera cane harimwo gutakaza ishusho mu makungu,gutakaza amanyamitahe bazana imitahe yabo mu burundi harimwo nuko Leta y’uburundi ishobora gufatirwa amatungo yayo.

Tubibutse ko Leta y’uburundi yagirizwa guhonyanga amategeko mu kwihagira ibitaro Kira mbere vyatumye Muganga Sahabo Christophe apfungwa kuva muri 2022 gushika uyu musi.muvyo yagirizwa harimwo kunyuruza amatungo ya Leta.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments