UBM News ads

Donald Trump yategetse umuhari hamas kurekura imbohe za isiraheli imbere yuko yimikwa.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Donald Trump yategetse Umuhari Hamas kurekura vuba imbohe z’abanyasiraheli zipfungiwe i Gaza imbere yuko yimikwa kuwa 20 Nzero 2025.

Donald Trump ati bitagenze uko ibihugu vyo muri Middle East bizobona ibara rikomeye cane cane abagize uruhara mu bwicanyi bukomeye bwakorewe abanyasiraheli mu gitero co kuwa 7 Gitugutu 2023 cakozwe na Hamas.

Prezida Donald Trump yaraye agabishije umuhari Hamas wafashe burwati abanya isiraheli kuba barekuwe vuba imbere yuko arahirira kuyobora amerika kuwa 20 Nzero 2025.

Nkuko Prezida Donald Trump yavyanditse ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe nka Facebook,Donald Trump yavuze ko abagizwe imbohe na hamas i Gaza kurekurwa vyihuta imbere yo kurahira.

Trump ati bitagenze uko ibihuhu vyo mu buseruko bwo hagati y’isi bazobona ibara rikomeye cane.

Abarwanyi ba Hamas mu mwaka uheze wa 2023 mu kwezi kwa Gitugutu bakoze igitero gikomeye mu mateka aho binjiye ku mupaka wa Isiraheli k’uruhande rwa Gaza .ico gihe abarenga 1900 ba isiraheli barishwe abarenga 252 nabo bagirwa burwati.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments