UBM News ads

Ubutegetsi bwa CNDD-FDD nta terambere buzopfa buzaniye aburundi-Frédéric Bamvuginyumvira

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha avuga ko ubutegetsi bwa CNDD-FDD ata terambere buzopfa buzaniye abarundi atari kununuza igihugu gusa.
Bamvuginyumvira ati baje kurondera ahari ifaranga gusa begeraniriza mu mifuko yabo gusa.kubwiwe abona ko abarundi bose bohaguruka bagaharanira uburenganzira bwabo.

Mu runani CFOR-ARUSHA bavuga ko abarundi ata kintu kinini bokwitega ku ntwaro ya CNDD-FDD kuko abategetsi ba CNDD-FDD batababaye iterambere ahubwo baje kununuza igihugu gusa.

Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR ARUSHA abishikirije inyuma yaho umushikiranganji w’ikigega ca Leta yandikiye abashikiranganji bose abamenyesha ko gukoresha amafranga ya Leta ku bintu bidakenewe cane bihagaritswe.

Frédéric Bamvuginyumvira yemeza ko aba bategetsi ba CNDD-FDD bihigira gusa ahari ifranga bakegeranya bishirira mu mifuko yabo gusa.

kubwiwe ,abarundi ntaco bokwitega kuri ino Leta ya CNDD-FDD.

Uwo arongoye Urunani CFOR-Arusha asaba abanyagihugu guharanira uburenganzira bwabo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments