Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM asaba Leta gutumako inama rukokoma yihuta y’ubutunzi kuko igihugu kigeze ahatemba.
Kubwa Faustin Ndikumana,Inyuma y’inama rukokoma hotorwa Leta nshasha ihurikiyemwo abahinga n’abandi bantu b’indyamunyu bashobora gukura igihugu mu kaga.

Mu kiganiro yatanze ku musi w’ejo,Faustin Ndikumana asanga igihugu c’uburundi kigeze ahatemba.Agahamagarira Leta ihari gutumako inama Rukokoma yiga kubibazo vy’ubutunzi kugira haboneke urupapuro rw’inzira.
Uwo muhinga muvyo ubutunzi Yemeza ko Leta ya CNDD-FDD idashobora yonyene gukemura ibibazo vy’ubutunzi birangwa mu gihugu.
Faustin Ndikumana avuga kandi ko kubona hariho abaguma baririmba imbonakazoza ya 2040-2060 aho gutorera umuti ibibazo bihari uyu musi baribesha cane,asanga iyo mbonakazoza idashoboka mu gihe ibi bibazo bidatorewe umuti.
Fautin Ndikumana atanga akarorero aho ibiciro vy’ivyankenerwa vyaduze cane,ibibazo vyo kwiyunguruza,igitoro,ibinyobwa,iduga ry’ibiciro,ibura ry’amafranga y’agaciro…..
Faustin Ndikumana arangiza asaba kwihutira gutumako iyo nama rukokoma kugira haboneke urupapuro rw’inzira,maze bibaye ngombwa hagashirwaho Leta nshansha ishobora gushira mu ngiro urwo rupapuro rw’inzira no gukura mu kaga igihugu c’uburundi ibibazo kiriko kiracamwo.





Recent Comments