UBM News ads

Urwanda rwatumye kongo idashobora kurwanya ihindagurika ry’ikirere-judith Suminwa.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji wa mbere wa kongo Judith Suminwa yagiriza urwanda kubuza igihugu ca kongo kurwanya ihindagurika ry’ikirere kuko amafranga bari gukoresha yakoze mu rugamba rwo kurwanya umuhari M23 ushigikiwe n’urwanda.

Mu gihe mu gihugu ca Azerbaijan hariko habera inama ya ONU igira 29 yiga ivyerekeye kurwanya ihindagurika ry’ibihe COP29,Umushikiranganji wa mbere wa RDC Judith Suminwa yamenyesheje ku musi w’ejo ko urwanda arirwo rwatumye kongo idashobora guhanga no kurwanya ihindagurika ry’ikirere.

Judith Suminwa Atanga impamvu ko amafranga yari agenewe ico gikorwa yakoreshejwe mu rugamba rwo kurwanya umuhari m24 ushigikiwe n’urwanda.

Judith agira ati:”Igihugu ca Kongo cashize igice c’amafranga ikoresha mu ntambara yatangujwe n’urwanda kandi ayo mafranga yari gukoreshwa mu kurwanya ihindagurika ry’ikirere.”

Kongo ikomeje kwagiriza igihugu c’urwanda kuvogera ubutaka bwa kongo ku nguvu mu gushigikira umuhari M23 mu gihe urwanda rworwo rubihakana.

Urwanda rwo rwagiriza Kongo gukorana n’interahamwe za FDLR zakoze ihonyabwoko mu rwanda mu mwaka wa 1994.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments