UBM News ads

Paul Kagame ashaka gusenyura umugambwe UDPS uri kubutegetsi muri RDC-Augustin Kabuya

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe UDPS uri kubutegetsi muri RDC Agustin Kabuya yagiriza prezida Paul Kagame gushaka kuwusenyura.

Kabuya agira ati:”ibibazo bikomeye biri mu mugambwe wacu urwanda rubifisemwo uruhara,Kagame ntasinzira”.

kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 8 Munyonyo 2024,umunyamabanga mukuru w’umugambwe UDPS(Union Democratique et le progres social)uri kubutegetsi muri kongo yamenyesheje ko prezida paul Kagame ariwe ari inyuma y’ibibazo bikomeye biri mumugambwe.

Mu kiganiro yagiranya na bamwe mubanyamugambwe bo hejuru Augustin Kabuya yavuze ko Paul Kagame yipfuza no gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Felix Tshisekedi ariko ko bitazomukundira. Kabuya agira :”Ibibazo biri muri UDPS kagame abifisemwo urwanda rubifisemwo uruhara,kagame ntasinzira,kagame arashaka gutembagaza ubutegetsi bwa Tshisekedi.”

Ivyo biri uko mu gihe mu mugambwe UPDS hari ibibazo bitoroshe vya politike biturutse ku wuzoserukira umugambwe UDPS mu matora maze Aho gukemura ibibazo biri indani mu mugambwe bagashaka kuvyerekeza hanze y’igihugu.

Umubano w’ibi bihugu vyompi usanzwe utifashe neza biturutse ku ntambara umuhari m23 uriko uteza mu buseruko bwa kongo no muri kivu y’uburaruko kongo ikagiriza urwanda gufasha umuhari m23 mu gihe Urwanda narwo rwagiriza kongo gukorana na FDLR wakoze jonoside mu rwanda 1994.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments