UBM News ads

N’ubuhe butumwa abarundi bari gutanga mukutiyandisha ngo bazotore mu mwaka uza?-Agathon Rwasa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Rwasa Agathon aremeza ko Abarundi bari gutanga ubutumwa bukomeye mukutitabira ibikorwa vyo kwiyandikisha mu matora yimirije,avunira akagohe Leta kwibaza impamvu abarundi batariko bariyandikisha kurugero rushimishije.

Rwasa Agathon yibaza ko abarundi barambiwe n’ubuzima bugoye barimwo hamwe no kwitabira amatora yama arangwamo ubusuma.
Umushingamateka Agathon Rwasa yemeza ko bigaragara abarundi batariko bitabira ibikorwa vyo kwiyandikisha kugira bazokwitabire amatora yimirije.

Ibi Rwasa Agathon yabishikirije kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 gitugutu 2024 i muramvya mu nama y’ubushikiranganji bw’intwaro ya hagati mu gihugu hamwe n’uwurongoye umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora PROSPER NTAHORWAMIYE.

Rwasa Agathon avuga ko abarundi bari gutanga ubutumwa bukomeye cane mukutitabira ibikorwa vyo kwiyandikisha, mbere abategetsi bakwiye kumenya ico ubwo butumwa busigura.

Rwasa Agathon aribaza ariko ko abarundi boba barambiwe no kubona bitabira amatira yama aragwamwo ubusuma canke naho bakaba barambiwe n’ubuzima bugoye barimwo

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments