UBM News ads

Naim Qassem niwe yaraye atowe kuyobora umuhari Hezbollah.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Naim Qassem niwe yaraye atowe kuyobora umuhari hezbollah inyuma yaho igisirikare ca Isiraheli cishe Hassan Nasrallah yahora atwara uwo muhari.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Isiraheli Yoav Galant yamenyesheje ko Naim Qassem ata misi azomara atishwe.

Umuhari Hezbollah usanzwe urwanira muri libani waraye wemeje Naim Qassem w’imyaka 71 ngo ayobore umuhari Hezbollah inyuma y’urupfu rwa Hassan Nasrallah yahora arongoye umuhari Hezbollah yagandaguwe n’igisirikare ca Isiraheli kuwa 27 nyakanga 2024.

Umushikiranganji w’umutekano wa Isiraheli Yoav Galant akibibona yahise atangaza abicishije kurubuga rwiwe rwa X ko Naim Qassem azoyobora hezbollah umwanya muto cane;bivuzeko ko nawe ata gihe kinini asigaje atishwe.

Igisirikare ca Isiraheli kiri mu rugamba rwo kurwana n’umuhari Hezbollah muri libani mu bitero vyo hasi no mu kirere,na Hezbollah nayo igima irasa ibisasu ku muri Isiraheli.0

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments