UBM News ads

Hari Abarwanyi b’umuhari FNL bahora muri kivu y’ubumanuko bagiye gutahukanwa mu burundi-Huang Xia.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Hari Abarwanyi b’umuhari FNL bahora muri Kivu y’ubumanuko muri Kongo bagiye gutahukanwa kubushake bwabo mu burundi nkuko vyaraye bishikirijwe na Huang Xia intumwa idasanzwe y’umunyamaba mukuru wa ONU mu biyaga binini.

Mu gihe kumusi w’ejo hari haramutse haba inama y’umutekano ya ONU yiga kubibazo vy’umutekano mu karere k’ibiyaga binini,intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu karere k’ibiyaga binini Huang Xia yamenyeshe ko umutekano wifashe nabi muri bino bihe cane cane museruko bwa Kongo aho umuhari m23 wakomeje indwano mbere ufata uburere bwinshi.

Huang Xia yamenyesheje ko ibiriko birabera mu buseruko bwa kongo biteye ubwoba kuko umuhari m23 urwanya ubutegetsi bwa Kongo wabandanije wagura uburere bwinshi kandi akaba ariwo ubugenzura.

Huang Xia yaragarutse k’umurwi w’abarwanyi ADF uturuka muri Uganda usanzwe uriko urakora ubwicanyi mu kwica abantu no gufata kunguvu abakobwa n’abakenyezi muri kivu y’uburaruko na ituri.gutyo rero Huang Xia asaba amakungu guhagurukira ikibazo co muri RDC kugira haboneke amahoro maze abateshejwe izabo kubera intambara bagaruke mu mazu yabo nayo imirwi y’abarwanyi ituzwe maze haboneke amahoro arama.

Iyo Ntumwa idasanzwe imenyesha kandi ko Hariko haraba utwigoro tudasanzwe dukozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu biyaga binini two gusubiza mu buzima busanzwe abarwanyi bavyipfuza bagasubizwa mu bihuhu baje baturukamwo.

Aha yatanze akarorero k’abaranyi ba FNL bagiye gutahukanwa vuba mu burundi kuko bemeye bakumva akamo bagasubiza ibirwanisho vyabo kubushake kugira basubizwe mu Burundi naho atavuze igitigiri uko kingana.

Huang Xia atera akamo ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini korohereza abarwanyi bavyipfuza gusubira mu bihugu baje baturukamwo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments