Umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli Benjamin Netanyahu yarakajwe n’amajambo Emmanuel Macron yavuze ngo Amakungu ntasubire guha ibirwanisho igihugu ca Isiraheli.
N’agashavu kenshi Netanyahu yishura Macron ati:”Murateye isoni.Isiraheli naho mutoyifasha izotsinda urugamba irimwo.kandi muzokorwa n’isoni mubonye dutsinze”.

Inyuma yaho prezida Emmanuel Macron asabiye amakungu kudasubira guha ibirwanisho Igihugu ca Isiraheli kubera ivyo isiraheli iri gukora muri Gaza,Benjamin Netanyahu umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli yishuye Prezida Emmanuel Macron ko ateye isoni kubona avuga amajambo nkayo.
Benjamin Netanyahu avuga ko naho ibihugu vy’ibihangange nka Amerika n’iburayi bitomufasha urugamba arimwo azorutsinda bamaramare.
Yagize ati:”murateye isoni kubona ushobora kuvuga ngo isiraheli ifatirwe ibihano ntisubire kuronka ibirwanisho.ariko isiraheli izotsinda urugamba naho mutoyifasha.muzomaramara mubonye isiraheli itsinze urugamba.”
Umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu yibukije kandi ibihugu vyo mubuseruko ko ariko arwana intambara 7 zibangamiye abanyagihugu ba isiraheli.
Netanyahu atanga akarorero ku mihari ariko arawana nayo:
Umuhari hamas wo muri Gaza,aba houti bo muri Yemen,hezbollah muri libani,aba shiite bo muri Irak na syria hamwe na irani.
Netanyahu avuga ko Isiraheli iriko irirwanako mu gukingira abanya isiraheli kandi ko bazotsinda izo ntambara zose.





Recent Comments