Umushikiranganji w’intwaro yo hagati w’ubufransa Bruno Retailleau yategetse ko abanyamahanga Bose baba mw’izinga ry’imayote ryegukira ubufransa babayeho badakwije ibisabwa vyose ko birukanwa guhera muri uku kw’icumi bakajanwa muri muri Kongo.
Iyi ngingo ifata ibihugu vyo mu biyaga binini cane nka kongo,uburundi n’urwanda.

Mu gihe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 2 munyonyo 2024 inama nshingamateka y’ubufransa yari iramutse yiga kubibazo biraba igihugu harimwo n’ikibazo c’abanyamahanga binjira mu bufransa binyuranye n’amategeko,abashingamateka basavye ko hafatwa ingingo zihuta mu gukemura ikibazo c’abinjira n’ababa mw’izinga ry’imayote ryegukira ubufransa.
Bruno Retailleau yamenyesheje ko aza yaramaze gutegeka uwurongoye izinga ry’imayote gutegura bitarenze uku kw’icumi uko bagiye gutahukana abo banyamahanga Bose baba imayote mu buryo bunyuranye n’amategeko bakabajana muri kongo.
Nkuko Bruno Retailleau yamenyesheje ko yakoze urugendo muri Rusama uyu mwaka imayote agasanga irwirirana ry’abinjira imayote riri kumurindi munini cane kandi abahaba nabo bakaba bahabaye mu buryo budakwirikije amategeko.
Uwo mushikiranganji yemeza ko igice c’abantu Bose baba mw’izinga ry’imayote ari abanyamahanga kandi bakaba bahabaye mu buryo bunyuranye n’amategeko.
Nta gihe cari gishize abarundi n’abanyarwanda n’abakongomani bahungiye muri iryo zinga basavye ubufransa kubakiza ihohoterwa n’agasomborotso bakorerwa n’abanyagihugu baba muri iryo zinga mu gihe basaba ko abo banyamahanga basubizwa inyuma.
Nkuko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru mu bufransa”AFP”,Abegereye umushikiranganji w’intwaro yo hagati bamenyesha ko hari hateguwe imirwi ine guhera muri Ruhuhuma 2024 izotahukanwa ariko ko imirwi 3 ariyo igiye gutahukanwa muri uku kwezi kw’icumi.





Recent Comments