UBM News ads

Prezida wa Koreya ya ruguru yiteguye gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda mugihe yoterwa n’Amerika na Koreya y’epfo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida wa koreya ya ruguru kim jong-un yaraye ahaye gasopo Amerika na na koreya y’epfo avuga ko yiteguye gukoresha ibirwanisho vyose afise harimwo ibirwanisho ruhonyanganda mugihe Amerika na Koreya y’epfo vyomutera

N’inyuma yaho prezida wa koreya y’epfo yoon suk yeol atangarije ko Koreya ya ruguru izoca izimangana kw’isi hamwe yokoresha ivyo birwanisho ruhonyanganda ko Amerika iri maso na koreya y’epfo gutanguza intambara yihuse.

Mugihe kuri uyu wa kabiri prezida yoon suk yeol yararamutse bashira ahabona ibirwanisho rutura harimwo ama missile balistique,yoon suk yamenyesheje ko mugihe prezida wa koreya kim jong-un yohirahira agakoresha ibirwanisho ruhonyanganda,igihugu ca koreya ya ruguru kizoca kizimangana kw’isi kuko Amerika yiteguye na koreya y’epfo gutanguza intambara yihuta.

Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru KCNA gikorera muri koreya ya ruguru Prezida wa koreya ya ruguru kim jong-un ntiyatevye kumusubiza aho kuri uyu wa gatanu yahaye gasopo Amerika na Koreya y’epfo abigabisha ko hamwe bohirahira bakavogera igihugu ciwe yiteguye gusohora ibirwanisho vyose afise harimwo ibirwanisho ruhonyanganda.

Ibi bihugu vyose bihora birabanye ayingwe mukurereka ko hagira uwutangura uyundi bagaheza bagashiranako.Amerika yagumye yagiriza prezida wa Koreya ya Ruguru umugambi wo gukora ibirwanisho ruhonyanganda ariko kim jong-un akaba ataco bimubwiye kuko yama mw’igerageza ry’ivyo birwanisho ruhonyanganda.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments