UBM News ads

Israel:Netanyahu avuga ko irani igiye kubona isomo rikomeye cane kuvyo yaraye ikoze.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli Benjamin Netanyahu yaraye atangaje ko irani igiye kubona isomo rikomeye cane inyuma yo gukora ikosa rikomeye ikarasa missile nyishi muri isiraheli.

Mu gihe ku musi w’ejo igihugu ca irani caraye kigavye ibitero vya missile nyishi kubutaka bwa isiraheli,umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli Benjamini Netanyahu n’agashavu kenshi yatangaje ko irani igiye kwishura ikiguzi kiremereye kuvyo yaraye ikoze.

Ingabo za isiraheli zaraye zitangaje ko système zo mu kirere zayo zashoboye guharura missile 180 mugihe irani yo ivuga ko yarashe missile 400 kandi ko zose zashitse kuntego.

Amerika yo yaraye itangaje ko yashoboye gutangira missile zitari nke ziturutse muri irani zerekeza muri isiraheli nkuko vyandikwa na CNN.

Ingabo za irani zitangaza ko iki gitero cari gifise intumbero yo kwihora ku bantu isiraheli iriko irica bakomeye nka Ismael Haniyeh yari umukuru wa hamas hamwe na Hassan Nasrallah umukuru wa hezbollah nkuko vyaraye bishikirijwe n’ingabo za Irani”Islamic Revolution Guard”.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments