Umukuru w’ingabo za Uganda akaba n’umuhungu wa Prezida Museveni amenyesha ko abanyakenya yabagiriye ikigongwe atakibateye.
N’inyuma yaho muri 2022 yari yatangaje ko we n’igisirikare ciwe vyobatwara indwi imwe gusa kuba bafashe umurwa mukuru wa kenya’Nairobi’.

Muhoozi Kainerugaba umukuru w’ingabo za Uganda akaba n’umuhungu wa museveni avuga ko atagiteye kenya nkuko yari yarabishikirije muri 2022.
Ico gihe Gen Muhoozi Yari yamenyesheje ko indwi imwe gusa ingabo za Uganda zoba zamaze gufata Nairobi yose.
Nkuko yavyanditse abi ishije kurubuga rwa x twitter yakera ku musi w’ejo,muhoozi yagize ati:”Imana mushobora vyose yaranyemeje ko nobabarira abanya kenya ku mugambi wo kubatera”.
Abakwirikirana ibishikirizwa na Gen Muhoozi kainerugaba baba abari Uganda no mu bindi bihugu babone ko ibishikirizwa na Muhoozi bidatonze neza mbere ko yoba afise ikibazo mumutwe kuko bicafuza igihugu n’inzego za uganda





Recent Comments