UBM News ads

Umuhari M23 winjiza amadorari 300.000 kukwezi avuye mu butare.Bintou keita

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuhari m23 usigaye winjiza amadorare 300.000 kukwezi avuye mu bucuruzi bw’ubutare bwa Coltan nkuko vyaraye bishikirijwe na Bintou keita intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU.

Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU muri Kongo Bintou Keita yaraye atangaje ko umuhari m23 uriko urakora ubucuruzi bukomeye bw’ubutare bwa coltan mu turere twa Masisi na Rutshuru mu buraruko bwa kivu.

Bintou Keita ashikiriza ko kuva intambara zisubiye kwaduka muri 2022 ,umuhari m23 usigaye ugenzura igice ca Rubaya kizwi cane mu gifise ubutare bwinshi cane.

Bintou keita rero ashikiriza ko ubu umuhari m23 usigaye winjiza amadorari 300.000 avuye murudandazwa rw’ubutare.

Iyo ntumwa idasanzwe isaba amakungu gufatira ibihano abariko barakora urudandazwa rw’ubutare babanje gusahura ubutunzi bwa kongo.

Naho biri uko Bintu keita ashikiriza ko ubu intambara zagabanutse agashima utwigoro twose turiko turaba hagati y’urwanda na Rdc kugira haboneke umuti kukibazo c’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Kongo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments