Mu mugambwe Sahwanya FRODEBU Urongowe na Patrick Nkurunziza usaba Prezida Evariste Ndayishimiye kubogoza umuyobozi w’ihinguriro SOSUMO Gen Major Aloys Ndayikengurukiye hamwe n’umushikiranganji w’ubudandaji Marie Chantal Nijimbere kuko aribo bagize uruhara runini mw’iduzwa ry’isukare.ibi biri mw’itangazo basohoye ku musi w’ejo.

Inyuma yaho hibonekeje iduzwa ry’isukare ihingurwa n’ihinguriro SOSUMO,mu mugambwe Sahwanya Frodebu bararajwe ishinga n’iryo duzwa ry’ibiciro vy,isukare atakindi bigamije atari gufatira amaboko imugongo abanyagihugu.
Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye ku musi w’ejo igenekerezo rza 24 nyakanga 2024,usaba umukuru w’igihugu gufuta iyi ngingo y’ibiciro bishasha aho isukare yavuye kuri 33000fbu ija kuri 8000fbu.
Umugambwe Sahwanya Frodebu usaba umukuru w’igihugu kandi kubogoza mu mabanga umuyobozi w’ihinguriro SOSUMO hamwe n’umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo ubudandaji kuko aribo bagize uruhara mw’iduzwa ry’isukare.





Recent Comments