UBM News ads

Uganda:Nta musivile azotwara Uganda inyuma ya Prezida Museveni-Muhoozi Kainerugaba

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’ingabo za Uganda akaba n’umuhungu wa Prezida Museveni Muhoozi Kainerugaba yaraye atangaje ko atazokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu nkuko benshi bavyibaza ahubwo ko Museveni ariwe azokwitoza mu matora ya 2026 ariko Muhoozi akavuga ko agiye Gukomeza igisoda ca Uganda ubwambere.

Muhoozi Kainerugaba avuga kandi ko ata musivile azotwara Uganda inyuma ya Prezida Museveni kuko inzego za Gisirikare zitobimwemerera,uwuzotwara Uganda azoba ari umu polisi canke umusirikare.


Mugihe bari biteze ko umuhungu wa prezida Museveni akaba n’umukuru w’ingabo za Uganda Muhoozi Kainerugaba azokwitoza mu matora yimirije muri 2026,yaraye atangaje ko atazokwitoza ahubwo ari Museveni azokwitoza.

Kainerugaba avuga ko atakintu ciza kiriho nko kubona ari mungabo za Uganda arico gituma agiye kubandanya gukomeza igisirikare ca Uganda ubwambere ariko ko azoshigikira Prezida Museveni mumatora ya 2026.

Muhoozi kainerugaba avuga ko atamusivile azotwara Uganda inyuma ya Prezida Museveni kuko inzego zishinzwe umutekano zitobimwemerera.

kubwiwe,uwuzotwara Uganda azoba ari umusirikare canke umu polisi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments