UBM News ads

Abatarisasumisha bizobagora kuronka karangamuntu ikozwe mu buhinga bwa none-Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Evariste Ndayishimiye amenyesha ko abarundi batazokwisasumisha bizobagora kuronka ikarata karangamuntu ikozwe mu buhinga bwa none(Biométrique)kubera batozoba bari kurutonde rw’abarundi.ibi yabishikirije uyu musi mu ntara nshasha ya Butanyerera.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye asaba abarundi Bose kwisasumisha muri rusasuma ruriko rurakorwa mu gihugu cose.

Mu gihe kuri uyu wa gatanu yariko atanga inyigisho kundongozi abakozi ba Leta batowe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu mu ntara nshasha ya Butanyerera i Ngozi yamenyesheje ko abarundi batazokwisasumisha bizobagora kuronka karangamuntu ikozwe mu buhinga bugezwego kuko batazoba bari kurutonde rw’abarundi Bose.

Ivyo biruko mu gihe rusasuma rw’abanyagihu,uburaro,ubutimyi n’ubworozi ruzorangira igenekerezo rya 22 nyakanga 2024

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments