Agathon Rwasa avuga ko Leta y’uburundi idashaka ko abandanya kuba umu CNL mugabo Rwasa we ararahira akarengwa ko adashobora guhindura kuko ariwe yayishinze.
Rwasa Agathon avuga ko yitwaye mu butungane kuvyabaye muri ntwarante 2024 igihe asamburiwe umugambwe wiwe ariko gushika ubu ubutungane bwaratinye kumuhamagara.

Mu gihe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya igenekerezo rya 17 nyakanga ishirahamwe parcem ryatunganije ikiganiro mu ntumbero yo kurabira hamwe uko amatora yimirije yogenda neza.Muri ico kiganiro carimwo abanyepolitike batandukanye n’abaserukira imigambwe itandukanye.
Muri ico kiganiro umushingamateka Agathon Rwasa yahora arongoye umugambwe CNl utarashikirizwa Nestor Girukwishaka,yarashikirije kumpungenge abona kw’itegurwa ry’amatora yimirije biboneka ko ashobora kuzorangwamwo ubusuma bwinshi.
Agathon Rwasa avuga ko ubutungane budakora akazi kabwo mu kurenganya abantu.Agira ati:”Abantu benshi buzuye mumabohero bazira ubusa kubera badashigikiye ivyiyumviro vya CNDD-Fdd,abandi nabo baraciriwe imanza ariko biranka ko barekurwa.”
Rwasa Agathon amenyesha kandi ko igihe asamburiwe umugambwe muri ntwarante 2024 yitwaye mu butungane ariko gushika uyu musi baratinye kumutumako.abandanye yemeza ko ari umu CNL naho Leta itabishaka kuko niwe yayishinze.
Rwasa agaton atera akamo ubutungane gukora budahengamye butunganirize uwo wese arenganywa no gutera no guhana uwo wese akandamiza abandi kukarenganyo





Recent Comments