UBM News ads

Hashobora Kuba Hari umugambi wo kudandaza ishirahamwe sosumo-Jean Nduwimana.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuvugizi w’ishirahamwe Olucom Jean Nduwimana amenyesha ko hari icinyegeje inyuma mw’iduzwa ry’igiciro c’isukare.
Jean Nduwimana avuga ko hoba hari umugambi wo kudandaza ishirahamwe SOSUMO bakaryegurira umwe mubari munzego z’igisirikare canke igipolisi.

Mu gihe ishirahamwe rihingura isukare SOSUMO ryaraye ridugije igiciro c’isukare kuva kubihumbi bitatu n’amajana atanu( 3500fb) kikaja kubihumbi (8000fb),bamwe n’abandi baratangajwe n’iryo duzwa ry’igiciro c’isukare cane cane abanyagihugu batobato.

Muri Olucom bavuga ko bitangaje kubona isukare iduga mu gihe igikaju kiguma giterwa kumwanya kumwanya kandi SOSUMO nayo ikaguma ihingura isukare.Jean Nduwimana akavuga ko hari icoba cinyegeje inyuma y’iryo duzwa ry’isukare.

Jean Nduwimana akavuga ko bishika hakaba hari umugambi wo kudandaza ishirahamwe SOSUMO bakaryegurira umwe mu bihangange mu gipolisi canke mu gisirikare.Agira ati:”birashika ko hova hari uwushaka kurigura hama ikilo agaca agishira kubihumbi bitandatu(6000)canke indwi(7000fb) kugira abarundi bavuge ko baruhutse kandi bazoba basanzwe bafatiwe amaboko imugongo.”.
Mw’ishirahamwe SOSUMO bo bamenyesha ko isukare yadugijwe hisunzwe itegeko nshikiranganji ryemzrera uwariwe wese kwinjiza isukare.

ibi vyashikirijwe na Aloys Ndayikengurukiye asanzwe arongoye ishirahamwe SOSUMO aho yamenyesheje ko isukare yategerezwa kuduga kuko iyiva hanze nayo ishikira ku bihumbi munani(8000)na cumi na bibiri(12000) ariko akizeza abarundi ko igiye kuboneka

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments