UBM News ads

Iduga ridasanzwe ry’ibiciro ryatumwe n’ikiza Covid 19 hamwe n’intambara ziri mw’isi-Marie Chantal Nijimbere

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Marie chantal Nijimbere muvyo ajejwe harimwo ubudandaji aremeza ko iduga ridasanzwe ry’ibiciro mu gihugu ari inkwirikizi ry’ikiza Covid 19 hamwe n’intambara zibonekeza ku migabane itandukanye y’isi.Nijimbere Marie Chantal yemeza kandi ko iduga ry’ibiciro ritari mu Burundi gusa ahubwo ni kw’isi yose.ibi yaraye abishikirije ku musi w’ejo mu nama nshingamateka mu gihe yari umutumire.


Inama nshingamateka yarakoranye ku musi w’ejo igenekerezo rya 6 nyakanga 2024 irongowe n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka Sabine Ntakarutimana aho bariko bihweza raporo yakozwe kw’itunganywa ry’amafranga mu ubushikiranganji bw’ubudandanji,amahinguriro,kwunguruza abantu n’ibintu hamwe n’ingenzi hakaba hakwirikiye ibibazo bitandukanye vy’abashingamateka babajije umushikiranganji Marie Chantal Nijimbere Muvyo Ajejwe harimwo ubudandanji.

Yishura kukibazo c’umushingamateka Euphrasie igituma hibonekeza iduga ry’ibiciro ridasanzwe,umushikiranganji Marie Chantal Nijimbere yamenyesheje ko iduga ry’ibiciro ririko riribonekeza mu gihugu ari inkwirikizi z’ikiza Covid 19 hamwe n’intambara ziri kwibonekeza ku migabane itandukanye y’isi bitumye hibonekeza ihungabana ry’ubutunzi.

Ikindi umushikiranganji avuga nuko iryo duga ridasanzwe ry’ibiciro ritari mu burundi gusa ahubwo riri kw’isi yose.

Naho biri uko umushikiranganji aremeza ko Leta y’uburundi iriko irakora utwigoro twose dushoboka kugira ishire inguvu mu bisata bishobora kuramira uburundi nk’ubutare hamwe n’uburimyi kugira uburundi buronke ivyo bushora hanze maze amafranga y’agaciro ashobore kwinjira mu gihugu.

Izi nyishu z’umushikiranganji ziragoye kwemera kuko ntamuntu numwe atazi ko uburundi buriko buraca mu bihe bidasanzwe vy’ubutunzi vyatewe n’ibura ry’ibitoro hamwe n’amafranga mvamakungu vyatumye ibiciro vy’ivyankenerwa mu gihugu biduga cane.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments