UBM News ads

Gutembereza ibifungurwa bihiye muri komine ya Mukaza birahagaritswe-Nkezabahizi Florent

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Gutembereza ibifungurwa bihiye muri Komine ya Mukaza birahagaritswe mu ntumbero yo kwikingira akaranda Mpox.iyi ngingo yaraye ifashwe na Musitanteri wa Komine Mukaza Florent Nkezabahizi.

Kumusi w’ejo igenekerezo rya 4 nyakanga 2024 musitanteri wa Komine Mukaza Florent Nkezabahizi yaraye agiranye inama n’abajejwe intwaro hamwe n’abarongoye abandi mu bisata bitandukanye bikorera muri Komine Mukaza mu ntumbero yo kurabira hamwe icokorwa mu kwikingira akaranda mpox.

muri iyo nama harapfunditswe ingingo zikurikira;

Ko hagarukanwa amazi n’isabune mu bibanza bihuriramwo abantu benshi abantu bakaza abarakaraba imbere yo kwinjira muri ivyo bibanza
Gutembereza ibifungurwa bihiye birahagaritswe muri komine ya Mukaza mbere abajejwe intwaro n’umutekano bagasabwa kurikanura mu gushira mungiro iyi ngingo.
Inzu z’uburiro(restaurent )zitagira amazi n’utuzu twa sugumwe bugiye kwugarwa mu ntumbero yo kurwiza isuku.

Akaranda Mpox kariko kararandagata mu Burundi aho kugeza muri 31 myandagaro 2024 hari hamaze kwadura abagera kuri 313 nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Lyduine Baradahana

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments